Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 4:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Wa musozi munini we, ur’ iki? Uzocikira ikiyaya imbere ya Zerubabeli; azozana ibuye ryo gusōzēra kwubaka, basēsereza impundu, bat’ Ubuntu, ubuntu bube kuri ryo!

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 4:7
38 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abubatsi bamaze kwubaka itanguriro ry’urusengero rw’Uhoraho, bashirah’ abaherezi, bambaye impuzu z’ubuherezi nyene, bafise inzumbete, n’Abalewi bo mu ba Asafu, bafise ivyo kuvuza vyitwa matowazi, ngo bahimbaze Uhoraho nk’uko vyagezwe na Dawidi umwami w’Abisirayeli.


Imisozi miremire yikina amatavu nk’amapfizi y’intama, N’uturambi nk’imyagazi yazo.


Namwe misozi miremire, ko mwikina amatavu nk’amapfizi y’intama? Namwe turambi, ko mwikina amatavu nk’imyagazi?


Ibuye abubatsi bāgaye Ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka.


Kuk’ Uhoraho Imana ar’ izuba, ar’ inkinzo; Uhoraho azotanga ubuntu n’ icubahiro: Ntazogira iciza na kimwe yima abagenda batunganye.


ni co gitumye Umwami Uhoraho avuga, ati Rāba, ndashira i Siyoni ibuye ryo kuba itanguriro, ibuye ryagejejwe, ari ryo ryo kugumya imfuruka, riri n’igiciro, rishikamye cane; kand’ uwizera ntazohutagiza.


Rāba nzoguhindura igisekuzo gisha, gikarishe gifise amenyo: uzohūragura imisozi uyinoze, uzohindura uturambi nk’ umuguruka.


aha hantu nyene hazosubira kwumvikana ijwi ry’umunezero n’iryo guhimbarwa, n’ijwi ry’umukwe n’iry’ umugeni, n’ijwi ry’abavuga, bati Ni mushime Uhoraho Nyen’ ingabo, kuk’ Uhoraho ari mwiza, kukw imbabazi ziwe zamaho ibihe bidashira; n’iry’ abazanye ibimazi vy’ishimwe mu ngoro yanje Uhoraho. Kuko nzotuma iki gihugu kiva mu kinyago, kikamera nk’ ubga mbere, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Ehe tuzohigūra twe nawe, wa musozi ugeseza we, ni jewe Uhoraho mbivuze, wagesheje isi yose: nzokubangurirak’ ukuboko kwanje, ngucuranguze ngukūre ku rutare, nguhindure umusozi uhiye inkomvorera.


Imisozi izoshongera musi yiwe, n’imyonga isaduke, bibe nk’ishashara ir’ imbere y’umuriro, canke nk’amazi arindimuka ku gatembge.


Mu misi y’iherezo umurwa wubatswekw ingoro y’Uhoraho uzotsimbatara ku mpinga y’umusozi, ushirwe hejuru y’ iyindi mirambi; kand’ amoko azosendanisha aja kuri wo.


Arahagarara, agera ubunini bg’isi; Arāba igitsure, amahanga agahinda agashitsi; Imisozi y’intahava irasanzara, Uturambi tw’inyame turanyika; Ajana inzira ziwe za kera.


rit’ Amaboko ya Zerubabeli ni yo yashizeh’ itanguriro ry’iyi nzu, kand’ amaboko yiwe ni yo azoyisōzēra; ni ho muzomenya yuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo ari we yabantumyeko.


Yesu arabishura, ati Ndababgire ukuri: Iyo muba muri n’ukwizera, mudakekeranya, ntimwokora ic’ uyu musukoni gusa, ariko mwobgira n’uyu musozi, muti Shingūka, utabge mu kiyaga; vyoba ko.


Yesu arababaza, ati Nta ho murasoma mu vyanditswe, ngw Ibuye abubatsi bāgaye Ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka: Ivyo vyavuye k’Uhoraho, Kandi n’igitangaza mu maso yacu?


Mbega nta ho murasoma iki canditswe, ngw Ibuye abubatsi bāgaye Ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka;


Arabitegereza, arababaza, ati None rer’ aya majambo yanditswe n’amaki, ngw Ibuye abubatsi bāgaye, Ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka?


Umwonga wose uzokwuzuzwa, N’umusozi wose n’akarambi bizoringanizwa, Ibigoramye bizogororoka, N’inzira z’ubukiru zizosenwa,


Uwo ni we buye mwebge abubatsi mwātītūye, kandi ryahindutse irigumya imfuruka.


Ariko ni vyaba bivuye ku buntu, ntibikiva ku bikorwa: namb’ atari ko biri, ubuntu si bgo buntu.


kuko mwubatswe ku mabuye y’itanguriro, ari yo ntumwa n’abāvugishwa n’Imana, Kristo Yesu ari we buye rigumya imfuruka.


Nuko mwebge abizera ni mwebge mwagerewe ico giciro, ariko ku banka kwizera, ngw Ibuye abubatsi bāgaye, Ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka,


Ibizinga vyo mu kiyaga vyose birahunga, kand’ imisozi ntiyasubira kuboneka.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ