Zekariya 4:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)6 Aranyishura, ati Ngiri ijambo Uhoraho atumye kuri Zerubabeli, ati Si kubg’ inkomezi, si kubg’ ubushobozi, ariko ni kubga Mpwemu wanje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Asa araheza atakambira Uhoraho Imana yiwe, at’ Ewe Uhoraho, nta mutabazi ariho atari wewe, ashobora gutabara abanyantege nke akabakiza abanyenkomezi; ewe Uhoraho Mana yacu, udutabare, kukw ari wewe twizigiye, kandi tuje mw izina ryawe kurwanya iki gitero kingana girtyo. Ewe Uhoraho, ni wewe Mana yacu: ntuneshwe n’umuntu buntu.
Ndasubīra, nitegereza musi y’izuba, yuko mu gusiganwa, impayamaguru atari zo zisiga abandi, kandi mu ntambara kw abanyenkomezi atari bo batsinda, kandi n’abanyabgenge kw atari bo baronka indya, kand’ abakerebutse kw atari bo baronka itunga, kand’ abahanga kw atari bo batona; arikw ibihe n’ibiza ku muntu bipfa kubazako bose.