Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 4:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 arambaza, at’ Ubona iki? Ndamwishura, nti Mbona igiterekwakw amatara, cose gicuzwe mw izahabu, umubehe waco ur’ ahahera hejuru, ushamitsekw amatara ndwi; kand’ ayo matara ari hejuru kuri wo, rimwe‐rimwe rifise umuheha, yose ukw ar’ indwi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 4:2
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

kand’ amugereraniriza amazahabu yo kuzocurishamw’ ibiterekwakw amatara, bo n’amatara yavyo; igitereko cose n’amatara yaco, amugereraniriza urugero rw’ amazahabu azokoresha; no ku vy’ibitereko vy’ifeza, amugereraniriza amafeza yo kuzocurishamw’ igitereko cose n’amatara yaco, nk’ukw igikorwa c’igitereko cose kiri.


Bama bosereza Uhoraho ibimazi uko bukeye uko bgije, bakamwosereza n’imibavu itāmirana, bagatondesha n’imitsima y’ ibiterekērwa ku meza yacuzwe mw izahabu iramuye, kand’ uko bgije bakadomeka n’amatara ari ku gitereko cayo c’izahabu; kuko tweho twitondera ivyagezwe vy’ Uhoraho Imana yacu, ariko mweho mwaramuvuyeko.


Acura n’ibiterekwakw amatara cumi mw izahabu, nk’ukw ibgirizwa ryavyo riri, abitereka mu rusengero, bitanu mu ruhande rw’i buryo, bindi bitanu mu ruhande rw’i bumoso.


umugozi w’urutsinga rw’ifeza utaracika, urwavya rw’izahabu rutarameneka, umubindi utaramenekera ku mugezi, ikurudumu itarapfira kw iriba;


Maz’ Uhoraho arambaza, at’ Ubonye iki ga Yeremiya? Ndamwishura, nti Mbonye insukoni; inziza ni nziza cane, iziboze ziraboze cane, zitoshoboka kuribga kubgo kubora.


kandi n’ibikombe, n’ivyotero, n’inzavya, n’imibindi, n’ibiterekwakw amatara, n’udukombe, n’ ubgavya, uwo mukuru w’abashibamyi arabijana, ivyacuzwe mw izahabu ukwavyo, n’ivyacuzwe mw ifeza ukwavyo.


Maz’ Uhoraho arambaza, at’ Ubonye iki ga Amosi? Nti Mbonye karisho. Nuk’ Umwami aravuga, ati Rāba, ngira ndekurire karisho hagati mu bantu banje b’Abisirayeli; kandi sinzosubira kwirengagiza ivyabo ukundi:


Arambaza, at’ Ubona iki? Ndamwishura, nti Mbona umuzingo w’igitabo uguruka: uburebure bgawo n’amatambge mirongwibiri y’ukuboko uciriye mu nkokora, ubgaguke bgawo n’amatambge cumi.


Mpindukira kurāba ijwi rivuganye nanje: mpindukiye mbona ibiterekwakw amatara ndwi vy’izahabu,


ibanga ry’inyenyeri ndwi izo umbonanye mu kuboko kwanje kw’i buryo, n’ivy’ ibiterekwakw amatara ndwi vy’izahabu. Inyenyeri ndwi ni zo bamarayika b’ayo mashengero ndwi, ibiterekwakw amatara ndwi na vyo ni vyo mashengero ndwi.


Kandi kuri ya ntebe y’ubgami hava imiravyo n’amajwi n’imituragaro: kand’ imuri ndwi z’umuriro zākira imbere y’iyo ntebe, ni zo Mpwemu ndwi z’Imana:


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ