Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 4:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Arambarira, at’ Arya ni bamwe babiri bārobanujwe amavuta, bama bahagaze hafi ya Nyen’ isi yose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 4:14
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bukeye Eliya w’i Tishubi, umwe mu bāgerereye i Gileyadi, aragenda abarira Ahabu, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, ari we nyene nsavye, yukw ata kime kizotonda cank’ imvura ngw ikoroke mur’ iyi myaka, atari jewe mbivuze.


Bukeye Zerubabeli mwene Sheyalitiyeli na Yosuwa mwene Yehozadaki bakūra hasi, batangura gusubira kwubaka ingoro y’Imana ir’i Yerusalemu, bari kumwe n’ abo bavugishwa n’Imana babafasha.


Uhoraho ararahiye, ntazokwicuza, At’ Ur’ umuherezi ibihe bidashira Mu buryo bga Melekisedeki.


Ati Ni jewe niyimikiye umwami wanje Kuri Siyoni, umurwa wanje wera.


Nabonye Dawidi umusavyi wanje, Namurobanuje amavuta yanje yera:


Maze wābīre amavuta yo kurobanuza abahabga ibango, uyamusuke mu mutwe, uyamurobanuze.


Ubarobanuze amavuta, nk’uk’ uyarobanuje se, kugira ngo bankorere igikorwa c’ubuherezi: ukwo kurobanurwa kwabo kuzoba kubahaye ubuherezi bg’intahava ukw ibihe vy’urunganwe rwabo bizogenda bikurikirana.


Hinge ndirimbe ivy’ umukunzi wanje, indirimbo y’uwo nkunda ivuga ivy’ uruzabibu rwiwe. Umukunzi wanje yagize uruzabibu ku musozi umera cane:


Kuko jewe Umuremyi wawe ari jewe mugabo wawe; Uhoraho Nyen’ ingabo ni ryo zina ryanje; Uwera w’Abisirayeli ni jewe Mucunguzi wawe; nzokwitwa Imana y’isi yose.


Eh’ azodūga nk’intambge ivuye kuri Yorodani iyo rwigize akagabo, ngw atere ahantu h’itsitsi hakomeye: ariko nzotuma ahahunga giturumbuka, kand’ uwo nzotoranya ni we nzoshinga ngw ahaganze: none ni nde ahwanye nanje? Kandi ni nde azonshingira igihe? Kandi ni nde mwungere yohangara guhagarara imbere yanje?


Maz’ ayo mavuta yo kurobanuza abahabga ibango ayasuka ku mutwe wa Aroni, aramurobanura, aramweza.


Va hasi uhūre, ewe mukobga w’i Siyoni! Kukw ihembe ryawe nzorihindura icuma, n’inzāra zo ku binono vyawe nzozihindura imiringa; kand’ uzojonjanga amahanga menshi; iminyago wabanyaze uzoyigira inyegu y’Uhoraho, n’ibintu vyabo ubigire inyegu ya Nyen’ isi yose.


Koko ni we azokwubaka urusengero rw’Uhoraho, azogira icubahiro, kand’ azovyagira ku ntebe, aganze; kur’ iyo ntebe azohabera n’umuherezi; kandi bompi bazohuza inama zizana amahoro.


Umumarayika aranyishura, at’ Ivyo n’imiyaga ine yo mw ijuru, ivuye gushengerera Nyen’ isi yose.


Umumarayika aramwishura, ati Ndi Gaburiyeli, nama mpagaze mu nyonga z’Imana, kandi natumwe kubonana nawe no kukubgira ubgo butumwa bgiza.


Mur’ ico gihe Uhoraho arobanura umuryango w’Abalewi kugira ngo barerure ya sandugu y’ isezerano ryiwe, kandi ngo bahagarare imbere yiwe bamuhereze, bahezagire n’abantu mw izina ryiwe, nk’uko biri na bugingo n’ ubu.


Ehe rāba, isandugu y’isezerano ry’Uhoraho Nyen’ isi yose igira ibītangire imbere mu kuja muri Yorodani.


Maz’ abaherezi barerura isandugu y’ Uhoraho Nyen’ isi yose ni bashinga ibirenge mu mazi ya Yorodani, amazi yarwo ava ruguru aca yīmīrwa, yirundanye.


Abo ni bo biti vy’imyelayo bibiri n’ibiterekwakw amatara bibiri, bihagaze imbere ya Nyen’ isi.


Maze Samweli yābīra agakuza k’amavuta ya elayo, ayamusuka ku mutwe, aramugūmbīra, aravuga, ati Mbeg’ Uhoraho si we akwimitse ng’ ube ari wewe ugaba ishamvu yiwe?


Maz’ Uhoraho abaza Samweli, at’ Uzogeza hehe kuririra Sauli, kandi namaze kwanka kw aba umwami w’Abisirayeli? Uzuza ihembe ryawe amavuta, uheze uze ngutume kuri Isayi w’i Betelehemu, kuko nironkeye umwami mu bahungu biwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ