Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 3:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Ehe rāba ibuye nshize imbere ya Yosuwa: kur’ iryo buye rimwe harikw amaso ndwi; ehe nzoricakw amagarwe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize; kand’ ukugabitanya kw’ico gihugu nzogukūrah’ umusi umwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 3:9
34 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

None rer’ amaso y’Abisirayeli bose bayahanze wewe, mwami wanje nyen’ ingoma, kugira ng’ ubamenyeshe ūzosubira ku ngoma yawe ni watanga.


Kand’ inyonga z’Uhoraho zinyuranganya mw isi yose hirya no hino, kugira ngo yerekane ububasha bgiwe bgo gutabara abafise imitima imutunganiye. Mu vyo wakoze ivyo, wakoze ivy’ ubupfu; nuk’ uhereye ubu uzohora ubona intambara.


Nk’ukw i burasirazuba hitanguye i burengerazuba, Uko ni ko yashize kure ibicumuro vyacu.


Ibuye abubatsi bāgaye Ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka.


Nk’uk’ umuntu azi guca amagarwe ku kabuyenge ko kudoma ikimenyetso, abe ari ko nawe wandika amazina y’abana ba Isirayeli kur’ utwo tubuyenge twompi: uheze uturumike mu tugenegene tw’izahabu.


Utwo tubuyenge tunganye igitigiri n’amazina y’ abana ba Isirayeli: tube icumi na tubiri nk’ukw amazina yabo ar’ icumi n’abiri: tumere nk’utubuyenge two kudoma ibimenyetso, tugende twandikwakw izina mu buryo bgo guca amagarwe, tube utw’ iyo miryango ukw ar’ icumi n’ibiri.


Uheze ucure akabāte mw izahabu iramuye, ukandikeko mu buryo bgo guca amagarwe, nk’ uko baca amagarwe ku kabuyenge ko kudoma ikimenyetso, uti YEREJWE UHORAHO.


ni co gitumye Umwami Uhoraho avuga, ati Rāba, ndashira i Siyoni ibuye ryo kuba itanguriro, ibuye ryagejejwe, ari ryo ryo kugumya imfuruka, riri n’igiciro, rishikamye cane; kand’ uwizera ntazohutagiza.


Kandi ntibazoba bacigishanya, ng’ umuntu wese yigishe mugenzi we, canke ngo yigishe uwo bavukana, ati Menya Uhoraho; kuko bose bazonyimenyera, uhereye kuri nyarucari ugashitsa k’ūhambaye, ni jewe Uhoraho mbivuze; kuko nzoharira ukugabitanya kwabo, kand’ icaha cabo sinzocibuka ukundi.


Mur’ iyo misi no mur’ ico gihe, ni jewe Uhoraho mbivuze, ibigabitanyo vy’Abisirayeli bizoronderwa, bibure; n’ivyaha vy’Abayuda na vyo ntibizoboneka: kuko nzoharira abo nashigaje kuba amasigarira.


Kur’ uwo musi ab’inzu ya Dawidi n’ababa i Yerusalemu bazotoborerwa imbizi yo kubōza ivyaha n’ibihumane.


Uwo mumarayika araheza abarira abamuhagaze imbere, ati Ni mumwambure izo mpuzu z’ubuhoma. Maz’ abarira Yosuwa, ati Rāba ngukūyek’ ukugabitanya kwawe, kandi ngira nkwambike imyambaro ishajije.


Mbega har’ uwogaya ibikir’ umugero ku musi w’intangamarāra? Bazonezerwa babonye karisho mu ntoke za Zerubabeli. Ya yandi ndwi ni zo nyonga z’Uhoraho, zinyuranganya mw isi yose hirya no hino.


Bukeye bg’aho abona Yesu aza kuri we, aravuga, ati Nguyu Umwagazi w’intama w’Imana ukūrah’ icaha c’abari mw isi.


Ntimukorere ivyo kurya biyoka, ariko mukorere ivyo kurya bihoraho bizana ubugingo budashira, ni vyo Umwana w’umuntu azobaha, kukw ari we Imana Data yashizekw ikimenyetso.


Uwo ni we buye mwebge abubatsi mwātītūye, kandi ryahindutse irigumya imfuruka.


nk’uko handitswe, ngw Ehe ndashira i Siyoni ibuye ritsitaza, urutare rugwisha, Kand’ uwizera uyo ntazoterwa n’isoni.


Kandi ni yo yadushizekw ikimenyetso, itugwatiriza Mpwemu wayo mu mitima yacu.


Kuko muboneka ko mur’ icete Kristo yatwandikishije, nk’ukw igikorwa cacu kiri; kitandikishijwe wino, ariko candikishijwe Mpwemu w’Imana nzima; kitanditswe ku bisate vy’amabuye, ariko canditswe ku bisate ni vyo mitima y’inyama.


Arikw itanguriro ry’Imana ryo kwubakako rirakomeye, ryanditswekw iki kimenyetso, ng’ Uhoraho arazi abiwe; kandi ng’ Umuntu wese avuga izina ry’Uhoraho ave mu kugabitanya.


atarinda kubanza gutanga ibimazi vy’ivyiwe vyaha uko bukeye, nka ba baherezi bakuru bandi, hanyuma agatanga ivy’ abandi bantu. Kukw ivyo yabikoze rimwe, hamwe yitanga.


kand’ uwo ni we mpongano y’ivyaha vyacu, mugabo s’iy’ ivyacu twenyene, ariko n’iy’ ivy’ abari mw isi bose.


Mbona hagati ya ya ntebe na vya binyabugingo bine no hagati ya ba bakuru, Umwagazi w’Intama ahagaze, asa n’uwishwe, afise amahembe ndwi n’amaso ndwi, ni vyo Mpwemu ndwi z’Imana, zatumwe kwama zija mw isi yose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ