8 Umve none, yewe Yosuwa umuherezi mukuru, mwe na bagenzi bawe bicara imbere yawe; kukw abo ar’ abantu bo kwerekana ibizoba: kuko rāba, nzozana umushumba wanje Shami.
Mmeze nk’igitangaza kuri benshi: Ariko ni wewe buhungiro bganje bukomeye.
Ku gishitsi ca Isayi hazobaduka agashami, kand’ umunago wanaze mu mizi yiwe uzokwama.
Maz’ Uhoraho aravuga, ati Nk’uk’ umusavyi wanje Yesaya amaze imyaka itatu agenda yambaye ubusa atagira n’inkweto, akabera Egiputa na Etiyopiya ikimenyetso n’imbūri;
Uwo musi ishami ry’Uhoraho rizoba ryiza rifise icubahiro; ivyo igihugu kizokwama bizoryohera abazoba barokotse bo mu Bisirayeli, bavyirate.
Nguyu umushumba wanje, uwo nama nshigikiye, uwo natoranije, ahimbara umutima wanje: nashize Mpwemu wanje kuri we; azoshikana amateka mu banyamahanga.
Kandi yarambariye, ati Ni wewe musavyi wanje, Isirayeli, uwo nzoherwamw’ icubahiro.
None rero, uku ni k’Uhoraho agize, ni we yambumvye nkiri mu nda ngo mbe umusavyi wiwe, ngo ndamugarukanire Yakobo, Abisirayeli bakoranirizwe kuri we; kuko nd’ umwubahwa mu nyonga z’Uhoraho, kand’ Imana yanje yambereye inkomezi;
Rāba, umushumba wanje azoja imbere, azokuzwa ashirwe hejuru, asumbe abandi.
Abonye ibiva mu bise vy’ubugingo bgiwe, bizomuhāza; umushumba wanje agororoka azotuma benshi baheshwa ukugororoka no kumumenya; kand’ azokwishirak’ ukugabitanya kwabo.
Kuko yakuriye imbere yiwe nk’ikironge, kandi nk’agashami kava mw ivu rigadutse. Ntiyar’ afise ishusho nziza cank’ igikundiro, kand’ aho twamubona ntiyar’ afise ubgiza bgotumye tumwifuza.
Ehe twe n’abana Uhoraho yampaye tur’ abo kubera Abisirayeli ibimenyamenya n’ibitangaza biva k’Uhoraho Nyen’ ingabo aba ku musozi Siyoni.
Rāba imisi izoza, ni jewe Uhoraho mbivuze, nzonagisha kuri Dawidi uwitwa Shami w’umugororotsi, kand’ azoganza nk’ umwami, agire ikiganza ciza, ace iziroranye n’izibereye mu gihugu.
Mur’ iyo misi no mur’ ico gihe nzoshamikisha kuri Dawidi uwitwa Shami w’umugororotsi; azoca iziroranye n’izigororotse mu gihugu.
Uvuge uti Mbabereye akarorero: uko nagenjeje ni ko bazogirirwa; bazokwambukanwa bajanwe ar’ inyagano.
Ubishire ku rutugu bakubona, ubijane bumaze kwira; witwikire mu maso ngo ntubone igihugu: kuko nagushizeho kubera akarorero inzu ya Isirayeli.
Uko ni ko Ezekiyeli azobabera ikimenyetso: ukw akoze kwose namwe ni ko muzokora: igihe ivyo bizoba, muzomenya yuko jewe nd’ Umwami Uhoraho.
Nzozimereza umuyigwe w’agahagarika, kandi ntizizosubira kumarwa n’inzara mu gihugu, canke gutēterezwa n’abanyamahanga ukundi.
Kand’ umusavyi wanje Dawidi azoba umwami wabo, bose bazogira umwungere umwe; kandi bazogendera mu vyagezwe vyanje, bitondere amabgirizwa yanje, bayashitse.
umubarire, ut’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Eh’ umuntu yitwa Shami, azoshamika ahantu hiwe, kand’ azokwubaka urusengero rw’Uhoraho.
Kubg’ umutima w’imbabazi w’Imana yacu, Ni wo uzotuma umutwenzi utugendera, uvuye mw ijuru,