Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 3:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 at’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Ni wagendera mu nzira zanje, ukitondera ivyo nakujeje, nawe uzogaba ivyo mu ngoro yanje, urinde n’urugo rwanje, kandi nzoguha ubgishikira hagati mur’ aba bahagaze hano.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 3:7
30 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

kuko Aburahamu yanyumviye, agashitsa ivyo namwihanikirije n’ amabgirizwa yanje n’ivyo nashinze n’ivyagezwe vyanje.


Uze wumvire ivyo Uhoraho Imana yawe yageze, ugendere mu nzira ziwe, witondere ivyo yashinze, n’amabgirizwa yiwe, n’amateka yiwe, n’ivyo yihanikirije, nk’uko vyanditswe mu vyagezwe vya Mose, kugira ng’ ugire ikiganza ciza mu vy’uzokora vyose n’ah’ uzoja hose;


Kandi ni wagendera mu nzira zanje, ukitondera amabgirizwa yanje n’ivyagezwe vyanje, nk’uko so Dawidi yagenjeje, nzoguha kuramba.


no gukora ivyo bājejwe vy’ihema ry’ibonaniro, n’ivy’ Ahēra, n’ivya bene wabo aba Aroni, ngo bashitse igikorwa co mu ngoro y’Uhoraho.


arikw abazoyimbura ni bo bazoyarya, banshime jewe Uhoraho, kand’ abazoyamura ni bo bazoyinywa, mu ntangaro y’ ahēra hanje.


Kandi ntimwarinze ivyera vyanje mwajejwe, arikw ahēra hanje mwahajeje abandi mu gishingo canyu.


Uzoba uw’ abaherezi bejejwe bo muri bene Sadoki, bāsigaye bitondera ivyo nabajeje, ntibazimire igihe Abisirayeli bāzimira, nk’ukw Abalewi bāzimiye.


Mose abarira Aroni, at’ Ivyo ni vyo Uhoraho yavuze, ng’ Ukwera kwiwe kuzogaragarira mu bamwegera, kandi ngw Azoherwa icubahiro imbere y’abantu bose. Aroni arūmirwa.


Ku muryango w’ihema ry’ibonaniro abe ari ho mumara imisi ndwi ku murango no mw ijoro, mwitondera ivyo Uhoraho yabajeje, kugira ngo ntimupfe: kuk’ uko ari ko nabariwe.


Umumarayika w’Uhoraho yihanikiriza Yosuwa,


Arambarira, at’ Arya ni bamwe babiri bārobanujwe amavuta, bama bahagaze hafi ya Nyen’ isi yose.


Kand’ abazoba bari kure bazoza bubake urusengero rw’Uhoraho; ni ho muzomenya yuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo ari we yabantumyeko. Ivyo bizoshika ni mwagira umwete wo kwumvira ijwi ry’Uhoraho Imana yanyu.


Umumarayika aranyishura, at’ Ivyo n’imiyaga ine yo mw ijuru, ivuye gushengerera Nyen’ isi yose.


Yesu arababgira, ati Ndababgira ukuri yuko mwebge abankurikiye, ah’ Umwana w’umuntu azovyagirira ku ntebe y’ubgiza bgiwe, igihe co kuvyarwa ukundi gusha, namwe muzokwicara ku ntebe cumi na zibiri, mucire imanza imiryango cumi n’ibiri y’Abisirayeli.


ngo muze murīre, munywere ku meza yanje mu bgami bganje: kandi muzokwicara ku ntebe z’icubahiro, mucire imanza imiryango y’Abisirayeli, ukw ar’icumi n’ibiri.


I muhira kwa Data har’ amazu menshi, iy’ aba atariho, mba ndabibabgiye, kuko ngiye kubategurira ahanyu.


Ūnesha, nzomuha kwicarana nanje ku ntebe yanje y’ubgami, nk’uko nanje nanesheje nkicarana na Data ku ntebe yiwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ