Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 3:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Uwo mumarayika araheza abarira abamuhagaze imbere, ati Ni mumwambure izo mpuzu z’ubuhoma. Maz’ abarira Yosuwa, ati Rāba ngukūyek’ ukugabitanya kwawe, kandi ngira nkwambike imyambaro ishajije.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 3:4
34 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Dawidi yishura Natani, ati Nacumuye k’Uhoraho. Natani aramwishura, ati Noneho Uhoraho yagukūyekw icaha cawe, ntugipfuye.


Mikaya arongera, ati None rero ni wumve ijambo ry’Uhoraho: mbonye Uhoraho avyagiye ku ntebe yiwe, ingabo zose zo mw ijuru zimuhagaze i buryo n’i bumoso.


Hisha inyonga zawe ivyaha vyanje, Usibanganye ibigabitanyo vyanje vyose.


Jewe, ni jewe nyene nsibanganya ibicumuro vyawe kubganje nyene, kand’ ivyaha vyawe sinzovyibuka ukundi.


Neyuye ibicumuro vyawe nk’igicu gitwaye intunda, n’ivyaha vyawe nk’igicu: garuka kuri jewe, kuko nagucunguye.


Ikangure, ikangure, wambare inkomezi zawe, ewe Siyoni; ambara imyambaro yawe ishajije, ewe Yerusalemu wa murwa wera; kuk’ uhereye none muri wewe hatazoshika ūtākebge cank’ igihumane.


Nzonezererwa cane Uhoraho, umutima wanje uvugirize impundu Imana yanje; kuko yanyambitse imyambaro y’agakiza, akansēsa hejuru umutamana w’ubugororotsi, nk’uk’ umukwe ashazisha igitsibo, kandi nk’uk’ umugeni ashazisha utugenegene twiwe.


ngo nshirireh’ abagandaye i Siyoni igitsibo mu gishingo c’umunyota, ndabahe n’amavuta y’akaneza mu gishingo c’ukugandara, n’umwambaro wo guhimbaza mu gishingo c’umutima uhondobereye; kugira ngo baze bitwe ibiti vy’ukugororoka, imyeloni yatewe n’ Uhoraho, ngo bimutere icubahiro.


Amunyuranurira impuzu zo mw ibohero amwambika izindi, amuha kwama asangira na we na ntaryo, imisi yose yamaze akiriho.


Kandi nzobamijakw amazi meza, mushire imvyiro: nzoboza imyanda yanyu yose, n’ibigirwamana vyanyu vyose.


Abaherezi iyo binjiye ahēra, ntibaze baveyo ngo baje mu ntangaro, badasizey’ imyambaro yabo y’ubuherezi, kukw ar’ iyera; ariko bambare iyindi myambaro, babone kwegerana n’abantu.


N’iyihe Mana ihwanye nawe, iharira ibigabitanyo, ikīrengagiza igicumuro c’amasigarira y’abo yīzīziye? Ntuhorana uburake imisi yose, kuk’ uhimbarwa no kugira imbabazi.


Uzoduhindukirira utugirire ikigongwe; uzosiribangira ibigabitanyo vyacu musi y’ ibirenge vyawe: kand’ uzoterera ivyaha vyacu vyose i bgina mu kiyaga.


Maz’ anyereka Yosuwa umuherezi mukuru ahagaze imbere y’umumarayika w’Uhoraho, na Satani ahagaze i buryo bgiwe ngw amurege.


at’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Ni wagendera mu nzira zanje, ukitondera ivyo nakujeje, nawe uzogaba ivyo mu ngoro yanje, urinde n’urugo rwanje, kandi nzoguha ubgishikira hagati mur’ aba bahagaze hano.


Ehe rāba ibuye nshize imbere ya Yosuwa: kur’ iryo buye rimwe harikw amaso ndwi; ehe nzoricakw amagarwe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize; kand’ ukugabitanya kw’ico gihugu nzogukūrah’ umusi umwe.


Umwami yinjiye kurāba abatowe abonamw’ umuntu atambaye impuzu y’ubukwe;


Umumarayika aramwishura, ati Ndi Gaburiyeli, nama mpagaze mu nyonga z’Imana, kandi natumwe kubonana nawe no kukubgira ubgo butumwa bgiza.


Maze se abarira abashumba biwe, ati Ni muzane n’ingoga imvune iruta izindi, muyimwambike, mumwambike n’impeta ku rutoke n’inkweto mu birenge,


Bukeye bg’aho abona Yesu aza kuri we, aravuga, ati Nguyu Umwagazi w’intama w’Imana ukūrah’ icaha c’abari mw isi.


n’ukugororoka kuva ku Mana, kuzanwa no kwizera Yesu Kristo, kugira ngw abizeye bose baguhabge. Kukw ata tandukaniro;


Ingero y’icaha n’urupfu; arikw ingabire y’Imana n’ubugingo budashira, bubonerwa muri Kristo Yesu Umwami wacu.


Kandi bamwe muri mwebge ni ko mwari muri: ariko mwaruhagiwe, ariko mwarejejwe, ariko mwatsindanishirijwe mw izina ry’Umwami Yesu Kristo no muri Mpwemu w’Imana yacu.


Umwe atigeze kumenya icaha, Imana yamuhinduye icaha kubgacu, kugira ngo muri we duhinduke ukugororoka kw’Imana.


mukambara umuntu musha, ahindurwa musha ngw agire ubgenge, amere nk’ishusho y’Iyamuremye:


Kuko nzobagirira ikigongwe ku kugabitanya kwabo, Kand’ ivyaha vyabo sinzovyibuka ukundi.


Ndarāba, numva ijwi ry’abamarayika benshi bakikije ya ntebe na vya binyabugingo na ba bakuru: igitigiri cabo car’ amasinzi n’amasinzi, n’ibihumbi n’ibihumbi.


Ndamwishura, nti Mugenzi, ni wewe wobimenya. Arambgira, at’ Aba n’abāvuye muri wa mubabaro mwinshi, kandi bamesuye imvune zabo bazezesha amaraso ya wa Mwagazi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ