3 Kandi Yosuwa yari yambaye impuzu z’ubuhoma, ahagaze imbere y’ uwo mumarayika.
Bukeye Zerubabeli mwene Sheyalitiyeli na Yosuwa mwene Yehozadaki bakūra hasi, batangura gusubira kwubaka ingoro y’Imana ir’i Yerusalemu, bari kumwe n’ abo bavugishwa n’Imana babafasha.
Uhoraho Mana y’Abisirayeli, ni wewe ugororoka; kuko twebge dusigaye tur’ amasigarira, nk’uko bimeze uyu musi; rāba tur’ imbere yawe dutsinzwe n’urubanza; ivyo ni vyo bituma tudashobora guhagarara imbere yawe.
Umwami Imana amaze kwuhagira imyanda abakobga b’i Siyoni ayirangije, kand’ amaze gukūra kuri Yerusalemu amaraso y’abantu, ayakūjeh’ impwemu y’amateka n’impwemu yo guturira.
Usanganira ūnezererwa gukora ivy’ ukugororoka, n’abagendera mu nzira zawe bakwibuka; ariko wararatse, kuko twakoze ivyaha, mbere tubimazemw’ igihe kirekire; mbega, none twoba tugikizwa?
Kuko twese twahindutse nk’ibihumane, kand’ ukugororoka kwacu kwose kumeze nk’impuzu yanduye; twese dukabiranye nk’ikibabi, kand’ ibigabitanyo vyacu bidukubeba nk’ umuyaga.
Ewe Mana yanje, banga ugutwi kwawe wumve, ni wihwezeshe inyonga zawe witegereze ubugesera bgaduteye, n’umurwa witirirwa izina ryawe, kukw ivyo tugutakambiye, tutabigushize imbere twishingikirije ku bugororotsi bgacu, ariko ni kubg’ imbabazi zawe nyinshi.
Mw isinagogi yanyu ni hinjiramw’ umuntu yambaye impeta y’izahabu n’impuzu zishajije, hakinjira n’umworo yambaye impuzu mbi y’ubuhoma,
abandi mubakize, mubokore mu muriro: abandi mubagirire ikigongwe mutinya, mwanke n’impuzu itewe amarabaga n’umubiri.
Kandi yahawe kwambara impuzu zera nziza, zikayangana, zitanduye; izo mpuzu zera nziza ni zo bikorwa vyo kugororoka vy’abera.