Nasanganguye ibisagara bimwe vyanyu nko mu gihe jewe Imana nahenebereza Sodomu na Gomora, muba nk’ igishirīra cokowe mu muriro: na ho nyene ntimwangarukako, ni k’Uhoraho agize.
Ariko na Mikayeli, umumarayika mukuru, hamwe yatongana na wa Murwanizi, ahārīra na we bapfa umuvyimba wa Mose, ntiyubahutse kumuhinyura ngw amucokore, ariko yamubgiye, at’ Uhoraho aguhane.
Abo bazorwanya Umwagazi w’Intama, uwo Mwagazi azobanesha, kukw ari we aganza abaganza n’Umwami w’abami, kand’ abari kumwe na we, bāhamagawe, bātoranijwe, bāyobotse, na bo bazobanesha.