Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 3:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Umumarayika w’ Uhoraho abarira Satani, at’ Ewe Satani, Uhoraho aguhane: Uhoraho yirobanuriye Yerusalemu aguhane: mbeg’ uyo s’igishirīra cōkōwe mu muriro?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 3:2
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

yuk’ uhereye igihe yakūriye abantu biwe mu gihugu ca Egiputa, ata gisagara co mu miryango yose y’Abisirayeli yigeze gutoranya co kwubakamw’ ingoro ngw izina ryiwe rihabe; canke ngw atoranye umuntu n’umwe ngw abe segaba w’ abantu biwe b’Abisirayeli;


ariko yatoranije Yerusalemu ngw izina ryiwe rihabe, atoranya na Dawidi kugira ngw aganze abantu biwe b’Abisirayeli.


Kukw azohagarara i buryo bg’umukene, Ngw amukize abacirakw iteka ubugingo bgiwe.


maz’ umubarire, uti Witonde, ureme; woye gutinya, kandi nturandurwe umutima n’ivyo bishirīra bibiri bifumba, bo n’uburake bg’inkazi bga Rezini n’Abasiriya n’ubga mwene Remaliya.


Maz’ ico gihe Mikayeli azohaguruka, ni we mugabisha ahagarikiye ubgoko bganyu; kandi hazoba igihe c’umubabaro utigeze kubaho, uhereye igihe amahanga yabereyeho, ukageza ico gihe. Arikw ico gihe umuntu wese wo mu bgoko bganyu azoboneka ko yanditswe mu gitabo azorokoka.


Nasanganguye ibisagara bimwe vyanyu nko mu gihe jewe Imana nahenebereza Sodomu na Gomora, muba nk’ igishirīra cokowe mu muriro: na ho nyene ntimwangarukako, ni k’Uhoraho agize.


Subira usemerere, ut’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ngw Ibisagara vyanje bizokwongera kubōgabōga ivyiza; Uhoraho azokwongera kumara i Siyoni umubabaro, kand’ azokwongera kwirobanurira Yerusalemu.


Maz’ Uhoraho azohindura i Buyuda habe ishamvu yiwe yo mu gihugu cera, kand’ azokwongera kwirobanurira Yerusalemu.


Yesu abonye abantu bagwirirana biruka, akankamira iyo mpwemu ihumanye, ati Yewe mpwemu y’ikiragi kandi y’igipfamatwi, ubganje ndakubariye muvemwo, ntukamugarukemw’ ukundi.


ariko wewe nagusengeye ng’ukwizera kwawe ntiguhere. Nawe ni wamara guhinduka, uz’ uremeshe bagenzi bawe.


Yesu aramuzibiza, ati Hora, muvemwo. Dayimoni amutūye hasi hagati yabo, amuvamwo, atagize ico amugira.


Arikw araza, dayimoni amutūra hasi, aramujegeza cane; Yesu akankamira iyo mpwemu ihumanye, akiza uwo muhungu, amusubiza se.


Simvuze mwese, kuko nzi abo natoranije, ariko n’ukugira ngw ivyanditswe bishike, ng’ Ūrya ivyo kurya vyanje ni we ambanguriye umugere.


Imana Nyen’ amahoro izofyonyorera Satani vuba musi y’ibirenge vyanyu. Ubuntu bg’Umwami wacu Yesu Kristo bubane namwe.


Ni nde azorega abo Imana yatoranije? Mbega n’Imana, kand’ ari yo ibatsindanishiriza?


Ūkora ivyaha n’uwa wa Murwanizi, kuk’ uhereye ubga mbere na mbere uwo Murwanizi yamye akora ivyaha. Icatumye Umwana w’Imana ahishurwa ngiki: n’ukugira ngw asangangure ibikorwa vy’Umurwanizi.


abandi mubakize, mubokore mu muriro: abandi mubagirire ikigongwe mutinya, mwanke n’impuzu itewe amarabaga n’umubiri.


Ariko na Mikayeli, umumarayika mukuru, hamwe yatongana na wa Murwanizi, ahārīra na we bapfa umuvyimba wa Mose, ntiyubahutse kumuhinyura ngw amucokore, ariko yamubgiye, at’ Uhoraho aguhane.


Abo bazorwanya Umwagazi w’Intama, uwo Mwagazi azobanesha, kukw ari we aganza abaganza n’Umwami w’abami, kand’ abari kumwe na we, bāhamagawe, bātoranijwe, bāyobotse, na bo bazobanesha.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ