Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 3:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Maz’ anyereka Yosuwa umuherezi mukuru ahagaze imbere y’umumarayika w’Uhoraho, na Satani ahagaze i buryo bgiwe ngw amurege.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 3:1
36 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nzoshira inyankane hagati yawe n’uyu mugore, no hagati y’uruvyaro rwawe n’urwiwe: ruzogukomeretsa umutwe, nawe uzorukomeretsa igitsintsiri.


umumarayika yandokoye mu vyago vyose, ihe aba bahungu umugisha; ni bitirirwe izina ryanje, n’irya sogokuru Aburahamu n’irya data Isaka; barakarondoka, babe benshi cane mw isi.


Bukeye Satani ahagurukira Abisirayeli, asunika Dawidi ngw abaharūre.


None rero bana banje, mureke kuvyanjanjwako, kukw ari mwebge Uhoraho yatoranije ngo mumuhagarare imbere, mumusukurire, mube abasuku biwe, mwose imibavu.


Abo mu bana b’abaherezi bābiriye abagore b’abanyamahangakazi ni Mayaseya na Eliyezeri na Yaribu na Gedaliya muri bene Yosuwa, Yosuwa mwene Yehozadaki, na bagenzi biwe.


ni bo bāzananye na Zerubabeli na Yosuwa na Nehemiya, na Seraya na Reyelaya na Moridekayi, na Bilishani na Misipari na Bigivayi, na Rehumu na Bayana. Igitigiri c’abagabo bo mu Bisirayeli ngiki:


Bukeye Zerubabeli mwene Sheyalitiyeli na Yosuwa mwene Yehozadaki bakūra hasi, batangura gusubira kwubaka ingoro y’Imana ir’i Yerusalemu, bari kumwe n’ abo bavugishwa n’Imana babafasha.


Bituma ivuga kw izobahonnya, Kand’ iba yarabahoneje, iyaba Mose uwatoranijwe na yo atāhagaze imbere yayo mu gihengeri, Kugira ngw asubize inyuma uburake bgayo, yoye kubahonnya.


Umuhe kuganzwa n’umunyakibi, Wa murwanizi ahagarare i buryo bgiwe.


None rero, uku ni k’Uhoraho agize, ati Ni wahindukira nzokugarukana, ubone guhagarara imbere yanje; kandi ni warobanura ivy’ ingirakimazi ukabikūra mu vy’imburakimazi, uzoba nk’akanwa kanje: abandi baze baguhindukirire, ariko weho ntuz’ ubahindukirire.


Bazosigara ar’ ibikomaguzi ahēra hanje, bashibama ku birimba biherereye ku ngoro, bakore n’ibikorwa vyo mu ngoro: bazobāgira abantu buntu ibimazi vyo kwoswa n’ibindi bimazi, bahagarare imbere yabo babakorera.


Arikw abaherezi b’Abalewi, bene Sadoki, bāsigaye bitondera ivyo bājejwe vy’ahēra hanje igihe Abisirayeli bāzimira bakanta, abo bo bazonyegēra kugira ngo bankorere; bazohagarara imbere yanje bampēreza ibinure n’amaraso, ni k’Umwami Uhoraho agize:


Mu mwaka ugira kabiri umwami Dariyo ari ku ngoma, mu kwezi kwa gatandatu, ku musi wakwo wa mbere, ijambo ry’Uhoraho ryavugiye muri Hagayi uwavugishwa na we, ritumwe kuri Zerubabeli icēgēra c’uwo mwami i Buyuda, mwene Sheyalitiyeli, no kuri Yosuwa umuherezi mukuru, mwene Yehozadaki,


Maze Zerubabeli mwene Sheyalitiyeli, na Yosuwa umuherezi mukuru mwene Yehozadaki, hamwe n’amasigarira yose yo mur’ iryo hanga, bumvira ijwi ry’ Uhoraho Imana yabo, n’amajambo ya Hagayi uwo yavugisha, nk’uk’ Uhoraho Imana yabo yamutumye; kand’ abantu baterwa n’ubgoba imbere y’Uhoraho.


Yamara noneho rema, ewe Zerubabeli, ni k’Uhoraho agize; nawe nyene rema, ewe Yosuwa umuherezi mukuru, mwene Yehozadaki; kandi namwe bantu bo mu gihugu mwese, ni mureme, ni k’Uhoraho agize, kandi mushireko mukore, kuko ndi kumwe namwe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize,


Umumarayika twavugana, Uhoraho amwishura amajambo meza amara umubabaro.


Mbaza umumarayika twavugana, nt’ Ivyo n’ibiki? Aranyishura, at’ Ayo ni yo mahembe yasābagije Abayuda n’Abisirayeli n’ab’i Yerusalemu.


Maze ndabaza, nti Mugenzi, ibi n’ibiki? Umumarayika twavugana aranyishura, ati Ndakubarira ivy’ ari vyo.


Maz’ umumarayika twavugana yīgira imbere, umumarayika wundi aza kumusanganira:


Umve none, yewe Yosuwa umuherezi mukuru, mwe na bagenzi bawe bicara imbere yawe; kukw abo ar’ abantu bo kwerekana ibizoba: kuko rāba, nzozana umushumba wanje Shami.


Arambarira, at’ Arya ni bamwe babiri bārobanujwe amavuta, bama bahagaze hafi ya Nyen’ isi yose.


wākīre ifeza n’izahabu, ubigiremw’ ibitsibo, uvyambike umuherezi mukuru, Yosuwa mwene Yehozadaki, mu mutwe,


Umve ngira ntume integuza yanje, indoranirize inzira imbere yanje: kand’ Umwami murondera azoshika giturumbuka mu rusengero rwiwe, ari we ntumwa y’isezerano munezererwa, eh’ araje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Mwame mugavye, musenge mu bihe vyose, kugira ngo muze mushobore guhunga ivyo vyose bigira bibeho, ngo muhagarare imbere y’Umwana w’umuntu.


Ati Simoni, Simoni, rāba Satani yabasavye ngw abagosore nk’ingano;


Mur’ ico gihe Uhoraho arobanura umuryango w’Abalewi kugira ngo barerure ya sandugu y’ isezerano ryiwe, kandi ngo bahagarare imbere yiwe bamuhereze, bahezagire n’abantu mw izina ryiwe, nk’uko biri na bugingo n’ ubu.


Uhoraho Imana yanyu azobahagurukiriza ūvugishwa na we ameze nkanje, ava muri mwebge, mu b’i wanyu: az’ abe ari we mwumvira.


Mwirinde ibiboreza, mwame mugavye: umurezi wanyu, ari we wa Murwanizi, agendagenda nk’intambge yivuga, arondera uwo arotsa.


Abo bantu b’i Beti‐shemeshi baravuga, bati Ni nde yoshobora guhagarara imbere y’Uhoraho, iyi Mana yera? Mbega none yodūga hehe, kugira ngw ituvemwo?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ