umumarayika yandokoye mu vyago vyose, ihe aba bahungu umugisha; ni bitirirwe izina ryanje, n’irya sogokuru Aburahamu n’irya data Isaka; barakarondoka, babe benshi cane mw isi.
Abo mu bana b’abaherezi bābiriye abagore b’abanyamahangakazi ni Mayaseya na Eliyezeri na Yaribu na Gedaliya muri bene Yosuwa, Yosuwa mwene Yehozadaki, na bagenzi biwe.
ni bo bāzananye na Zerubabeli na Yosuwa na Nehemiya, na Seraya na Reyelaya na Moridekayi, na Bilishani na Misipari na Bigivayi, na Rehumu na Bayana. Igitigiri c’abagabo bo mu Bisirayeli ngiki:
Mu mwaka ugira kabiri umwami Dariyo ari ku ngoma, mu kwezi kwa gatandatu, ku musi wakwo wa mbere, ijambo ry’Uhoraho ryavugiye muri Hagayi uwavugishwa na we, ritumwe kuri Zerubabeli icēgēra c’uwo mwami i Buyuda, mwene Sheyalitiyeli, no kuri Yosuwa umuherezi mukuru, mwene Yehozadaki,