Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 2:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Ehe nzoyabangurirak’ ukuboko kwanje, kand’ azohinduka inyagano z’abāyashumbiye: ni ho muzomenya yuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo ari we yantumye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 2:9
30 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kur’ uyu musi wa none barataha i Nobu, babānguriye ukuboko umusozi w’umukobga w’i Siyoni, umurambi w’i Yerusalemu.


Uhoraho azokamya rwose ikigobe c’ikiyaga ca Egiputa, azozana umuyaga wiwe ururumba, abāngīrire ukuboko rwa Ruzi, arukubite arucemw’ imigezi ndwi, maz’ ajabutse abantu batarinze gukūra inkweto.


Semerera, uvuge cane, yewe uba i Siyoni, kuk’ Uwera w’Abisirayeli, ari hagati muri mwebge, ahambaye.


Ni mushinge ibendera ku musozi muremure w’uruharabuga, shira ijwi hejuru mubahamagare, mubākure, kugira ngo bace mu birimba vy’abaganwa.


Amahanga azobajana abasubize i wabo, maz’ ab’ inzu ya Isirayeli bazoyatungira mu gihugu c’Uhoraho, yose bayahindure abaja b’abahungu n’abakobga: kand’ abābajana kw inyagano, na bo bazobajana kw inyagano, kandi bazotwara abābahahaza.


Kur’ uwo musi Egiputa hazocika bga bagore: hazohinda agashitsi hatinye, kubg’ ugushongongeza ukuboko kw’Uhoraho Nyen’ ingabo, ahashongongereza.


Kur’ uwo musi iyi ndirimbo izoririmbirwa mu gihugu ca Yuda, ngo Dufise igisagara gikomeye; Imana izoshirah’ agakiza kabe inzitiro n’ibihome bidukīngīra.


Uzobona ibara, wewe unyaga kand’ utānyazwe, uryarukana kandi batākuryarutse! Ni waheza kunyaga, nawe uzonyagwa; kandi ni wamara kuryarukana, bazokuryaruka nawe.


Arik’ Uhoraho azohabana natwe afise icubahiro, azotubera inzūzi zagutse n’imigezi, ah’ ata bgato buzosozwa, ata n’imasuba ihambaye izohaca.


Imigozi yawe iradohotse, ntigishobora gukamvya epfo y’ umuringoti, ntigishobora kubamba igihuzu kigendesha ubgato: ico gihe bazogabangana isahu ry’ibitayega, mbere n’abacumbagira bazosahura isahu.


Kandi hejuru y’inzu yose yo ku musozi Siyoni no ku makoraniro yaho Uhoraho azoharemera igicu n’umwotsi ku murango, no guca ibikēke kw’umuriro waka mw ijoro: kuko hejuru y’ubgiza bgose hazobah’ igitwikira.


Ni mwīgire hafi mwumve ibi: uhereye mw itanguriro nta ho navugiye mu mpisho; uhereye aho vyabereyeho, nariho: kandi non’ Uhoraho Imana antumanye na Mpwemu wiwe.


Umuryano ntuzokwumvikana ukundi mu gihugu cawe, bo n’ukugeseza n’ ugutikiza mu ngabano zawe; arikw inzitiro zawe uzozīta Gakiza, n’amarembo yawe uzoyīta Mpundu.


Izuba si ryo rizoba rikikubera umuco ku murango, cank’ ukwezi ngo kukuboneshereze: ariko jewe Uhoraho ni jewe nzokubera umuco utazoshira, kandi jewe Imana yawe ni jewe nzokubera icubahiro.


Kand’ amahanga yose azomusaba, asabe n’umwana wiwe n’umwuzukuru wiwe, gushitsa igihe co kūzirwa kw’igihugu ciwe kigeze; ni ho amahanga menshi n’abami bahambaye bazomuhindura umuja na we.


Ūvugishwa akavuga ivy’ amahoro, ijambo ry’ uwo muvugishwa ni ryashika, ni ho uyo muvugishwa azomenyekana yuk’ Uhoraho yamutumye koko.


Umve, ijwi ry’ugutakamba kw’umukobga, ari we bgoko bgacu, rituruka hirya no hino mu gihugu, riti Mbeg’ Uhoraho ntakiba i Siyoni? Mbeg’ Umwami waho si ho akiri? Mbega na bo n’iki catumye bandakisha ibishushanyo vyabo bibājwe, n’ ivy’ imburakimazi vy’ivyaduka?


bitume batakirinda kuja gusenya ku misozi, canke kugira izo basatura mu kibira; kukw ivyo birwanishwa ari vyo bazogira inkwi z’umuriro: kandi bazosahura abābasahuye, banyage abābanyaze, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Nuko muzomenya yuko ndi hagati mu Bisirayeli, kandi ko nd’ Uhoraho Imana yanyu, ata yindi iriho; n’ukuri abantu banje ntibazokwongera kumāramāra.


Kuk’ umuryano wabaye i Lebanoni uzokwubikizako, n’ukugesera kw’ibikōko kuzogutera ubgoba, uhōwe amaraso y’ abantu, n’umuryano igihugu cabonye, bo n’ibisagara n’ababibamwo bose.


Ko mwanyaze amahanga menshi, namwe amasigarira yose y’amoko azobanyaga, abahōye amaraso y’ abantu, n’umuryano igihugu cabonye, bo n’ibisagara n’ababibamwo bose.


Nuko rero, ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, Imana y’Abisirayeli, n’ukuri Mowabu hazoba nk’i Sodomu, n’Abamoni nk’i Gomora, ah’ igisuru ciganziye, habe iyengo ry’imyunyu, hahinduke amatongo ibihe bidashira: amasigarira y’abantu banje azobatera abasahure, mber’ abarokotse bo mw ihanga ryanje bazobatwara.


Uhoraho yagukūyekw imanza yari yāguciriye, yirukaniye kure umwansi wawe. Umwami w’Abisirayeli, ari we Uhoraho, ari hagati muri wewe; ntuzoba ukibona ivyago ukundi.


Kur’ uwo musi amahanga menshi azokwifatanya n’ Uhoraho, bacike abantu banje; nanje nzogerēra hagati muri wewe, nawe uzomenya yuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo yakuntumyeko.


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we yantumye kumuhesha icubahiro mu mahanga yabanyaze; at’ Ūbakorako aba akoze ku mbone y’ijisho ryiwe.


rit’ Amaboko ya Zerubabeli ni yo yashizeh’ itanguriro ry’iyi nzu, kand’ amaboko yiwe ni yo azoyisōzēra; ni ho muzomenya yuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo ari we yabantumyeko.


Kand’ abazoba bari kure bazoza bubake urusengero rw’Uhoraho; ni ho muzomenya yuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo ari we yabantumyeko. Ivyo bizoshika ni mwagira umwete wo kwumvira ijwi ry’Uhoraho Imana yanyu.


Uhoraho Nyen’ ingabo azobakīranira; bazoyogeza, basiribange amabuye atewe n’umugozi; bazoromozwa n’amaraso basāmūke nk’ababorewe vino: bazokwuzura amaraso nk’ inzavya, bahinduke nk’inkokora z’igicaniro.


Uhereye ubu ndabibabariye bitaraba, kugira ngw aho bizobera, muze mwizere ko ndi we.


Ico mbabaririye ivyo, n’ukugira ngw igihe cavyo ni cashika, muze muvyibuke ko nanje nabibabgiye. Uhereye ubga mbere sinaribgabibabgire, kuko nari nkiri kumwe namwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ