Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 2:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Kuk’ ukw ari k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we yantumye kumuhesha icubahiro mu mahanga yabanyaze; at’ Ūbakorako aba akoze ku mbone y’ijisho ryiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 2:8
50 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Imana imwishurira mu nzozi, iti Koko, nzi yuko wakoze ivyo ufise umutima utakurega ikibi, kandi nanje nakubujije kuncumurako: ni co catumye ntagukundiye kumukorako.


Maz’ Uhoraho amutēza ibitero vy’Abakaludaya n’ivy’ Abasiriya n’ivy’ Abanyamowabu n’ivy’ Abamoni, abagomorera i Buyuda ngo baharandure, nk’ukw ijambo ryiwe riri, iryo yavugiye mu basavyi biwe yavugisha.


Unzigame nk’imbone y’ijisho, Umpishe mu gitūtu c’amababa yawe,


Witondere amabgirizwa yanje, ubone kubaho, Rinda ivyagezwe vyanje nk’ imbone y’ijisho.


Kukw amatongo yawe n’ imisaka yawe n’igihugu cawe cāgeshejwe, n’ukuri noneho hazokwagira abazohaba, kand’ abāri baragutsontsomeye bazoba kure.


Uku ni ko mvuze, jewe Uhoraho, ku vy’ababanyi banje bose babi, bīhaye ku manyama ishamvu neguriye abantu banje b’Abisirayeli, nt’ Ehe nzobashika mbakūre mu gihugu cabo, kand’ inzu ya Yuda nzoyibashikura.


Kand’ amahanga yose azomusaba, asabe n’umwana wiwe n’umwuzukuru wiwe, gushitsa igihe co kūzirwa kw’igihugu ciwe kigeze; ni ho amahanga menshi n’abami bahambaye bazomuhindura umuja na we.


Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Abanyedomu ko bagiriye inzu ya Yuda nabi babīhōra, bagacumura cane, mbere bakabīhōra;


Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Abafilisitiya ko bakoze ivy’ ukwīhōra, bakīhōrana akagaye kavuye mu mutima, ngo bageseze bari n’akazika kadashira;


riti Mwana w’umuntu, Tiro ko havuze hitamba kuri Yerusalemu ngw Awa! ngw Icār’ umwugariro w’amahanga kirahomvotse! ngo Biransenyukiyeko, ngiye gutunga, co ko gicitse imisaka;


ni ho nzokumanurana n’abamanuka baja muri rwa rwobo, usangey’ abāgiye kera, nkugerēre i kuzimu, ahantu hāhebge uhereye kera, hamwe n’ abamanuka baja muri rwa rwobo, kugira ngo ntiwongere kubābgamwo; kand’ icubahiro nzogikomeza mw isi y’abakiriho.


Ko wāmanye inyankane idahangūra, ukagomorera inkota Abisirayeli ku musi baboneyekw ivyago, mu gihe giherahereza ibigabitanyo vyabo;


Nzobagwizakw abantu n’amatungo, bigwire birondoke: nzotuma musagazwako, mumere nk’ uko mwari mumeze ubga mbere; kandi nzobagirira neza kuruta uko nabagirira ubga mbere: maze muzomenya yuko jewe nd’ Uhoraho.


maz’ uzovuga, uti Hinge ndūge ntere igihugu c’imihana itubakiwe inzitiro z’amabuye, ngīre abibereye impore ata co binona, bose uko bangana baba ahatubakiwe inzitiro, ata n’imyugariro cank’ amarembo bagira;


Nuko rero, mwana w’umuntu, būrira Gogi, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Kur’ uwo musi, igihe abantu banje b’Abisirayeli bazoba bibereye impore, mbega ntuzobimenya?


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’i Edomu, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko yakinagije mwene nyina n’inkota, akamiriranya icitwa imbabazi cose, uburake bgiwe ntibuhengeshanye kurandamurana, akabīka akazīka ibihe vyose.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’Abamoni, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bāfomoje inda abagore b’i Gileyadi, kugira ngo barye imbibe zabo, bāgukirwe.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’i Tiro, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bajanye ihanga ryose ar’ inyagano, bakabashora ku Banyedomu, ntibibuke isezerano ry’ umuvukano.


Ubu amahanga menshi akoraniye kugutera, aravuga, ati Siyoni ni hahumanywe, amaso yacu avyibonere!


Kand’ igihugu ca Ashuri bazokiririkisha inkota, bo n’igihugu ca Nimurodi uhereye ku mbibe zaco. Nukw azodukiza Umwashuri, ni yaza mu gihugu cacu, akadukandagirira mu rubibe.


Maz’ umwansi wanje azobirāba, yicwe n’isoni, uwahora ambgira, at’ Uhoraho Imana yawe iri hehe? Amaso yanje azomwibonera, igihe azosiribangwa nk’ ivyondo vyo mu nzira.


Kuk’ umuryano wabaye i Lebanoni uzokwubikizako, n’ukugesera kw’ibikōko kuzogutera ubgoba, uhōwe amaraso y’ abantu, n’umuryano igihugu cabonye, bo n’ibisagara n’ababibamwo bose.


Ko mwanyaze amahanga menshi, namwe amasigarira yose y’amoko azobanyaga, abahōye amaraso y’ abantu, n’umuryano igihugu cabonye, bo n’ibisagara n’ababibamwo bose.


Ati Numvise ibitutsi vya Mowabu, n’ugucokorana kw’Abamoni, bācokoye abantu banje, bakarya urubibe rwabo bihayagiza.


Kur’ uwo musi amahanga menshi azokwifatanya n’ Uhoraho, bacike abantu banje; nanje nzogerēra hagati muri wewe, nawe uzomenya yuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo yakuntumyeko.


Ehe nzoyabangurirak’ ukuboko kwanje, kand’ azohinduka inyagano z’abāyashumbiye: ni ho muzomenya yuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo ari we yantumye.


Kandi ku murwa hazoba huzuye abahungu n’abakobga bakinira ku bibuga vyo kuri wo.


Umve ngira ntume integuza yanje, indoranirize inzira imbere yanje: kand’ Umwami murondera azoshika giturumbuka mu rusengero rwiwe, ari we ntumwa y’isezerano munezererwa, eh’ araje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Umwami na we azobishura, ati Ndababgire ukuri: Ko mwabigiriye umwe mur’ aba bene Data bari hanyuma y’abandi, ni jewe mwabigiriye.


Maz’ azobishura, ati Ndababgire ukuri: Ko mutabigiriye umwe mur’ aba bari hanyuma y’abandi, nanje ntimwabingiriye.


arik’ Umwitsa, ari we Mpwemu Yera, uwo Data azorungika mw izina ryanje, ni we azobigisha vyose, kand’ azobibutsa ivyo nababariye vyose.


Nk’uko wantumye mw isi, ni ko nanje nabatumye mw isi:


Yikubita hasi, yumva ijwi rimubaza, riti Sauli, Sauli, umpīgira iki?


Yabasanze mu gihugu c’ ubugaragwa, Mu bugaragwa bg’ubgeranyange, humvikanamw’ ibihūrira; Abakikiza irya n’ino, arababungabunga, Abazigama nk’imbone y’ijisho.


Kukw ar’ ibigororotse ku Mana kwishura amarushwa abayabatera,


Natwe twarabibonye, tubishingira intahe, yuko Data wa twese yatumye Umwana wiwe kuba Umukiza w’isi yose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ