Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 2:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Yewe Siyoni ubana n’umukobga w’i Babuloni, cika uhunge!

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 2:7
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bamaze kubakūrayo, umwe muri bo aravuga, ati Hunga ntupfe! Ntukebēre inyuma, kandi nturuhe uhagarara utararangiza iki kiyaya cose; hungira kur’ iriya misozi, woye kuranduka.


Manuka wicare mu mukungugu, wa nkumi y’i Babuloni; wa mukobga w’Abakaludaya, icara hasi hatari ku ntebe y’ubgami, kuk’ utazokwongera kuvugwa k’udibamye canke ko wāmikaye.


Ni muve i Babuloni, muhunge muve mu Bakaludaya, muvuge ibi, mubikwize, muvyamamaze gushitsa ku mpera y’isi, mubivugishe ijwi ry’indirimbo, mut’ Uhoraho acunguye umusavyi wiwe Yakobo.


Ni mugende, ni mugende, muveyo; ntimugakore ku kintu gihumanya na kimwe; muve hagati yaho; mwitunganye, yemwe abashorezi b’imbombovu z’Uhoraho.


Haguruka wikunkumure umukungugu, uheze uze wicare ewe Yerusalemu: wibohore imvuto zo mw izosi ryawe, ewe mukobga w’i Siyoni wajanywekw inyagano.


Muhunge muve hagati y’i Babuloni, muve mu gihugu c’ Abakaludaya, mube ba kizigenza nk’impfizi z’impene mu mukuku.


Yemwe bantu banje, ni muve hagati muri ho, mwikize mwese uburake bganje bg’inkazi, jewe Uhoraho.


Ni muhunge muve hagati muri Babuloni, umuntu wese yunzūre amagara yiwe; ntimuranduranwe na ho, muzira ibigabitanyo vyaho, kukw ar’ igihe c’uguhōra kw’Uhoraho, agira ahasubirize mu nkōko.


Ribga, unihe, ewe mukobga w’i Siyoni, nk’umugore aramutswe; kuk’ ugira ng’ uve mu gisagara, ube mu gahinga, mber’ uzoruha ushike n’i Babuloni: iyo ni ho uzorokorerwa; iyo ni ho Uhoraho azogucungurira, agukūre mu maboko y’abansi bawe.


Abarira ishengero, ati Ni mwīgireyo, muve ku mpande zose z’amahema y’izi nkozi z’ibibi, ntimugire ikintu cabo na kimwe mukorako, kugira ngo ntimuranduranwe na bo mu guhanirwa ivyaha vyabo vyose.


Abisirayeli bose bāri babakīkije barahunga bumvise ugutaka kwabo, bat’ Isi yoye kutumira natwe.


Kand’ ashingisha intahe ayandi majambo menshi, arabahanūra, ati Ni mwikize ab’ iki gihe kigoramye.


Numva ijwi rindi rivuye mw ijuru, rivuga, riti Bantu banje, ni muve i we, kugira ngo mwoye gufatanya n’ivyaha vyiwe, mwoye guhabga ku vyago vyiwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ