Manuka wicare mu mukungugu, wa nkumi y’i Babuloni; wa mukobga w’Abakaludaya, icara hasi hatari ku ntebe y’ubgami, kuk’ utazokwongera kuvugwa k’udibamye canke ko wāmikaye.
Abarira ishengero, ati Ni mwīgireyo, muve ku mpande zose z’amahema y’izi nkozi z’ibibi, ntimugire ikintu cabo na kimwe mukorako, kugira ngo ntimuranduranwe na bo mu guhanirwa ivyaha vyabo vyose.