6 Yemwe! Yemwe! Ni muhunge muve mu gihugu c’i burārūko, ni k’Uhoraho agize; kuko nk’ukw ibirēre bine vy’ijuru vyītangūranye, ari ko nabasābagije, ni k’Uhoraho agize.
Yemwe abafise inyota, ni muze ku mazi, kandi n’ūdafise amahera na we n’aze; ni muze mugure, murye: ni mugure vino n’amata, mudatanze amahera cank’ ibiguzi.
Mur’ iyo misi ab’ inzu ya Yuda bazogendana n’ab’ inzu ya Isirayeli, bazanane bava mu gihugu c’i burārūko, baza mu gihugu nahaye ba sogokuruza banyu k’umwandu.
Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwa mahanga, muvyamamaze mu bizinga vya kure mu kiyaga: muvuge, mut’ Uwashwiragije Abisirayeli ni we azobatororokanya, abazigame, nk’uk’ umwungere agirira umukuku wiwe.
Eh’ imisi izoza, ni k’Uhoraho agize, ca gisagara kizokwubakirwa Uhoraho, uhereye ku munara wa Hananeli, ugashitsa no kw irembo ryo ku mfuruka y’uruzitiro.
Kand’ impunzi zo mu ngabo ziwe zose zizohindikiranywa n’inkota, na bo abasigaye bazoshwiragirizwa mu birēre vyose: kandi muzomenya yuko jewe Uhoraho nabivuze.
Ni co gituma ba se b’abana bazobarīra hagati muri wewe, n’ abana bazorya ba se; kandi nzocira amateka muri wewe, n’amasigarira yawe yose nzoyashwiragiriza mu birēre vyose.
Ni co gituma Uhoraho avuga, ati Ngarukiye Yerusalemu nzanye imbabazi; ingoro yanje izohubakwa, ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize: i Yerusalemu hazogereshwa umugozi.
Kand’ Uhoraho azobashwiragiriza mu mahanga yose, uhereye ku mpera y’isi ugashitsa ku yindi; kandi muzosabiray’ izindi mana z’ibiti n’iz’amabuye, mutigeze kumenya, ari mwebge canke ba sogokuruza banyu.