Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 2:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Kukw ari jewe nzohabera uruzitiro rw’umuriro ruhakikije, ni k’Uhoraho agize, kandi nzohabera ubgiza ndi hagati mu mugoma.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 2:5
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nk’ukw imisozi ikikije Yerusalemu Ni k’Uhoraho akikije abantu biwe, Uhereye none, ugashitsa ibihe vyose.


Yamara wewe, Uhoraho, ur’ inkinzo inkīngira, Ur’ icubahiro canje, ni wewe ushira hejuru umutwe wanje.


Imana iri hagati muri wo, ntuzonyiganyizwa; Imana izowutabara mu mutwenzi w’amacāca.


Mugendagende kuri Siyoni, muwukikuze, Muharūre iminara yaho,


Imana yimenyekanishije mu ngoro zo kuri wo kw ar’ igihome kirekire gikīngira abantu.


N’ukuri agakiza kayo kari hafi y’abayubaha, Kugira ng’ubgiza bgayo bube mu gihugu cacu.


Semerera, uvuge cane, yewe uba i Siyoni, kuk’ Uwera w’Abisirayeli, ari hagati muri mwebge, ahambaye.


Igitandara cabo kizokūrwaho no gucika ivutu, kand’ abaganwa babo bazokwihebeshwa n’ibendera, ni k’Uhoraho agize, afise umuriro wiwe i Siyoni, akagira itanure ryiwe i Yerusalemu.


Kand’ abantu banje bazoba mu ngo z’amahoro, no mu mazu bahabe amarembe, no mu buruhukiro butagira inkomanzi.


Arik’ Uhoraho azohabana natwe afise icubahiro, azotubera inzūzi zagutse n’imigezi, ah’ ata bgato buzosozwa, ata n’imasuba ihambaye izohaca.


Kandi hejuru y’inzu yose yo ku musozi Siyoni no ku makoraniro yaho Uhoraho azoharemera igicu n’umwotsi ku murango, no guca ibikēke kw’umuriro waka mw ijoro: kuko hejuru y’ubgiza bgose hazobah’ igitwikira.


Kand’ umugozi bazogeresha uzovuduka aho hantu ugororwe ushike ku gatumba k’i Garebu, maz’ uzozenguka ushike i Gowa.


Nuko rero, mwana w’umuntu, būrira Gogi, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Kur’ uwo musi, igihe abantu banje b’Abisirayeli bazoba bibereye impore, mbega ntuzobimenya?


Uko ni ko yageze izo mpande ukw ari zine: urugo rwari ruhakikuje impande zose, uburebure bgarwo bgar’ amatambge amajana atanu, n’ubgaguke bgarwo yandi majana atanu nyene; urwo rugo rwar’ urwo gutandukanya ahēra n’ahatar’ ahēra.


Maz’ uwo muntu avuye aho arikw aragenda yerekeye i burasirazuba, yar’ afise umugozi mu ntoke; awugeresha amatambge igihumbi ahwanye n’ay’ ukuboko uciriye mu nkokora; maz’ anjabutsa ayo mazi, amazi andenga ibirenge.


Ni co gituma Uhoraho avuga, ati Ngarukiye Yerusalemu nzanye imbabazi; ingoro yanje izohubakwa, ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize: i Yerusalemu hazogereshwa umugozi.


Ririmba unezerwe, yewe mukobga w’i Siyoni: rāba ndaje ngo ngerēre hagati muri wewe, ni k’Uhoraho agize.


Kur’ uwo musi amahanga menshi azokwifatanya n’ Uhoraho, bacike abantu banje; nanje nzogerēra hagati muri wewe, nawe uzomenya yuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo yakuntumyeko.


Kand’ Uhoraho azoserukira hejuru yabo, umwampi wiwe wirase nk’umuravyo, kand’ Umwami Uhoraho azovuza inzamba, aje mu gihuhuta c’i bumanuko.


Ingoro yanje nzoyisagaza impande zose, ndayibuze igitero, kugira ngo ntihagire ūhaca aja irya cank’ agaruka, kugira ng’ uwabatwaza ituntu ntiyongere kubaca hagati: kuko noneho mvyiboneye n’amaso yanje.


Kuba umuco wākira amahanga, No kuba ubgiza bg’abantu bawe b’Abisirayeli.


Kandi wa murwa nturinda kwākirwa n’izuba canke n’ukwezi, kuk’ ubgiza bg’Imana ari bgo buwākira, kandi wa Mwagazi ari we tara ryawo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ