Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 2:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 aramubarira, at’ Irukanga, ubgire uwo musore, ut’ I Yerusalemu hazosubira gusagaza abantu nk’ibisagara bitazitiriwe, kukw abantu n’amasho bizohaba ari vyinshi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 2:4
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ni co gituma uwo musi w’icumi na kane w’ukwezi kwitwa Adari, Abayuda bo mu misozi, baba mu bisagara bitagira inzitiro, bawugira umusi wo kunezerwa no gutumiranako, n’ umusi mwiza wo kugemuranirako.


Ni witegereze i Siyoni, umurwa twagiriramw’ imisi mikuru yacu: amaso yawe azobona i Yerusalemu hasigaye hatsimbataye har’ amahoro, ar’ ihema ritazokūrwaho, imambo zaryo ata ho zizoshingūrwa, ata n’ umugozi waryo uzocika.


Nkomeza ijambo ry’umusavyi wanje, ngashitsa inama z’intumwa zanje, mvuga ivya Yerusalemu, nti Hazokwongera gutūrika; n’ivy’ ibisagara vy’i Buyuda, nti Bizokwubakwa, kandi nzovyutsa ahāsenyutse haho.


Abana wari wānyazwe bazovugira mu matwi yawe, bat’ Aha hantu haratwagiye: segenya turonke aho tuba.


Ehe ni jewe ndema umucuzi avuguta umuriro w’amakara, agakūramw’ ico kurwanisha kubg’ ubuhanga bgiwe; ariko kandi naremye umuranduzi wo kugeseza na we.


Maze ndavuga, nti Yō, erega Mwami Uhoraho, sinzi kuvuga, kuko nkiri muto.


Maz’ ab’ i Buyuda n’ibisagara vyaho vyose bazohasāsagara; bo n’abarimyi n’abaragiye imikuku.


Eh’ imisi izoza, ni jewe Uhoraho mbivuze, nzobiba imbibe, ni yo nzu ya Isirayeli n’inzu ya Yuda, ndayibibemw’ imbuto, ari zo bantu n’ibitungwa.


Nk’ukw ingabo zose z’inyenyeri zo kw ijuru zitoharūrika, n’umusenyi wo ku kiyaga utogereka, ni ko nzogwiza uruvyaro rwa Dawidi umusavyi wanje, n’urw’ Abalewi bankorera.


maz’ uzovuga, uti Hinge ndūge ntere igihugu c’imihana itubakiwe inzitiro z’amabuye, ngīre abibereye impore ata co binona, bose uko bangana baba ahatubakiwe inzitiro, ata n’imyugariro cank’ amarembo bagira;


Maz’ abo basore ukw ari bane Imana ibaha gukerebuka no kuba uburyo mu vyo bigishwa vyose no mu bgenge; kandi Daniyeli yari n’ubgenge bgo gutahura ivyerekanwa vyose bo n’inzozi.


b’imisore batagira agasembga, ariko b’indanga, bar’ uburyo mu vy’ubgenge bgose, b’abahanga mu vyo kumenya, b’insorongozi mu vy’ubgenge, kandi babereye gukora i bgami; kugira ngw abigishe inyandiko y’Abakaludaya n’ururimi rwabo.


Umusi wo gusubira kwubaka inzitiro zawe uraje! Kur’ uwo musi urugabano rwawe ruzokwigizwayo, rushirwe kure.


Ni co gituma Uhoraho avuga, ati Ngarukiye Yerusalemu nzanye imbabazi; ingoro yanje izohubakwa, ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize: i Yerusalemu hazogereshwa umugozi.


Subira usemerere, ut’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ngw Ibisagara vyanje bizokwongera kubōgabōga ivyiza; Uhoraho azokwongera kumara i Siyoni umubabaro, kand’ azokwongera kwirobanurira Yerusalemu.


Kur’ uwo musi abatware b’Abayuda nzobahindura nk’urujo rurik’ umuriro rushirwa mu nkwi, canke nk’urumuri rwaka rushizwe mu mikama y’ingano; bazotōngōra amahanga yose abakikije i buryo n’i bumoso; kandi Yerusalemu hazokwongera kwubakwa aho hāhoze, ni ho i Yerusalemu nyene.


Iki ni co cago Uhoraho azotēza amahanga yose azoba ateye Yerusalemu: inyama z’imibiri yabo zizobatikimirako bagihagaze, n’amaso yabo aborere mu nkombe zayo, n’indimi zabo ziborere mu kanwa kabo.


Ntihakagire ūkugayira ubusore, arik’ ubere abizera icitegererezo mu vy’uvuga, no mu ngeso zawe, no mu rukundo, no mu kwizera, no ku mutima utanduye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ