Ni co gituma uwo musi w’icumi na kane w’ukwezi kwitwa Adari, Abayuda bo mu misozi, baba mu bisagara bitagira inzitiro, bawugira umusi wo kunezerwa no gutumiranako, n’ umusi mwiza wo kugemuranirako.
Nk’ukw ingabo zose z’inyenyeri zo kw ijuru zitoharūrika, n’umusenyi wo ku kiyaga utogereka, ni ko nzogwiza uruvyaro rwa Dawidi umusavyi wanje, n’urw’ Abalewi bankorera.
maz’ uzovuga, uti Hinge ndūge ntere igihugu c’imihana itubakiwe inzitiro z’amabuye, ngīre abibereye impore ata co binona, bose uko bangana baba ahatubakiwe inzitiro, ata n’imyugariro cank’ amarembo bagira;
Maz’ abo basore ukw ari bane Imana ibaha gukerebuka no kuba uburyo mu vyo bigishwa vyose no mu bgenge; kandi Daniyeli yari n’ubgenge bgo gutahura ivyerekanwa vyose bo n’inzozi.
Ni co gituma Uhoraho avuga, ati Ngarukiye Yerusalemu nzanye imbabazi; ingoro yanje izohubakwa, ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize: i Yerusalemu hazogereshwa umugozi.