3 Maz’ umumarayika twavugana yīgira imbere, umumarayika wundi aza kumusanganira:
Mbaza umumarayika twavugana, nt’ Ivyo n’ibiki? Aranyishura, at’ Ayo ni yo mahembe yasābagije Abayuda n’Abisirayeli n’ab’i Yerusalemu.
aramubarira, at’ Irukanga, ubgire uwo musore, ut’ I Yerusalemu hazosubira gusagaza abantu nk’ibisagara bitazitiriwe, kukw abantu n’amasho bizohaba ari vyinshi.
Maz’ umumarayika twavugana aragaruka, arankangura, nk’ uk’ umuntu akangurwa ava mw itiro:
Maz’ umumarayika twavugana arambaza, ati Mbeg’ ivyo ntuzi uko bisobanurwa? Ndamwishura, nt’ Oyaye mugenzi.
Maz’ umumarayika twavugana yīgira imbere, arambarira, at’ Unamura amaso, urābe kirya kije ic’ ari co.