2 Ndamubaza, nt’ Uroye hehe? Arambarira, ati Ngiye kugera Yerusalemu, ngo ndābe amakika n’amadūga vyaho uko bireha.
Kand’ umugozi bazogeresha uzovuduka aho hantu ugororwe ushike ku gatumba k’i Garebu, maz’ uzozenguka ushike i Gowa.
Nukw anshikanaho, ngize ntya mbona umuntu ahagaze ku kirimba, afise umugozi w’ubugwegwe mu ntoke, n’irenga ry’ikigeresho.
Kandi muze murobanure ishamvu y’igisagara, iz’ ibe amakika ingero mirongwitanu, uburebure bube ibihumbi mirongwibiri na bitanu, haze habangikane na wa mugabane wera w’ ishikanwa; haze habe ah’ inzu yose ya Isirayeli.
Ni co gituma Uhoraho avuga, ati Ngarukiye Yerusalemu nzanye imbabazi; ingoro yanje izohubakwa, ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize: i Yerusalemu hazogereshwa umugozi.
Mbaza umumarayika twavugana, nt’ Irya efa bariya bayijanye hehe?
None ngira ngende ku wantumye, kandi nta n’umwe muri mwebge arushe ambaza at’ Uja hehe?
Bampa irenga rimeze nk’inkoni, bati Va hasi ugere urusengero rw’Imana n’igicaniro n’abarusengeramwo.