Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 2:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Ni muhwekerere imbere y’ Uhoraho, yemwe abafise umubiri mwese, kukw avyukurutse i we, ahēra hiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 2:13
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ abaherezi, ari bo Balewi, barahaguruka, bahezagira abantu; ijwi ryabo ryumvikana ku Mana, ugusenga kwabo gushika ahēra hayo ah’ iba, ari ho mw ijuru.


Uhoraho ari mu rusengero rwiwe rwera, Uhoraho, intebe yiwe iri mw ijuru. Acacisha inyonga ziwe abana b’abantu, mu kigohe ciwe harabasuzuma.


Ni mwisigireho, mumenye kw ari jewe Mana; Nzoshirwa hejuru mu mahanga, nzoshirwa hejuru mw isi.


Imana ir’ ahayo hēra Ni se w’impfuvyi, n’umucamanza ahagarikira abapfakazi.


Maz’ Umwami Imana aribambura, nk’uwar’ asinziriye, Nk’umuhizi asemerezwa cane na vino.


Amahanga azobajana abasubize i wabo, maz’ ab’ inzu ya Isirayeli bazoyatungira mu gihugu c’Uhoraho, yose bayahindure abaja b’abahungu n’abakobga: kand’ abābajana kw inyagano, na bo bazobajana kw inyagano, kandi bazotwara abābahahaza.


Kur’ uwo musi Egiputa hazocika bga bagore: hazohinda agashitsi hatinye, kubg’ ugushongongeza ukuboko kw’Uhoraho Nyen’ ingabo, ahashongongereza.


Ni mucereze munyumvirize, yemwe ababa ku kiyaga; amahanga ni yiyubure, asubire mu nkomezi nsha, bīgire hafi; maze bahēreko bavuge: twegerane, tubūrane.


Ikangure, ikangure, wambare inkomezi, ewe wa kuboko kw’ Uhoraho; ikangure nko mu misi ya kera, nko ku runganwe rw’ibihe vyashize, uko rwagenda rukurikirana. Mbega si wewe wahimbaguye Rahabu, ugasogota ca gisato c’amahēro?


Kuk’ ukw ari kw Imwe iri hejuru isumba vyose igize, iba ahatazoshira, izina ryayo n’Uwera; iti Mba hejuru ahantu hēra, kandi mbana n’ūfise umutima umenetse wicisha bugufi, kugira ngo mpēmbūre imitima y’abicisha bugufi, mpēmbūre n’abafise imitima imenetse.


abītera gushuha muri mu biti vy’ imyeloni no musi y’igiti cose gitotahaye, mukicira abana mu myonga, no mu bihoro vyo mu bitandara?


Tereza inyonga hasi uri mw ijuru, witegereze ur’ i wawe, ah’ ukwera kwawe n’icubahiro cawe biri: rya shaka ryawe n’ibikorwa vyawe vy’ubushobozi biri hehe? Igishika n’imbabazi umfitiye ko bibujijwe kunshikīra!


Nuko rero, ubabūrire ayo majambo yose, ubabgire, ut’ Uhoraho azokwivuga ari mw ijuru, avuge n’ijwi rirenga ar’ ahiwe hēra; umukuku wiwe azowutontomera; azovuza akāmo, nk’ak’ abakānya inzabibu, akavugirije ababa kw isi bose.


Yamar’ Uhoraho we, ari mu rusengero rwiwe rwera: isi yose n’ihwēkērere imbere yiwe.


N’uhwekerere imbere y’Umwami Uhoraho: kuk’ umusi w’ Uhoraho uri hafi; Uhoraho yiteguye ikimazi, kandi yejeje abatumire biwe.


Nuko rero, ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, Imana y’Abisirayeli, n’ukuri Mowabu hazoba nk’i Sodomu, n’Abamoni nk’i Gomora, ah’ igisuru ciganziye, habe iyengo ry’imyunyu, hahinduke amatongo ibihe bidashira: amasigarira y’abantu banje azobatera abasahure, mber’ abarokotse bo mw ihanga ryanje bazobatwara.


Nuko rero, ni mundorēre, ni k’Uhoraho agize, gushitsa ku musi nzohaguruka nja kunyaga: kuko nagabiye gukoraniriza amahanga hamwe, negeranye ibihugu, ngo mbasukek’ ubushangashirwe bganje, ni bgo burake bganje bgose bg’inkazi: kukw isi yose izotongōrwa n’umuriro w’ifūhe ryanje.


rit’ Amaboko ya Zerubabeli ni yo yashizeh’ itanguriro ry’iyi nzu, kand’ amaboko yiwe ni yo azoyisōzēra; ni ho muzomenya yuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo ari we yabantumyeko.


Kand’ abazoba bari kure bazoza bubake urusengero rw’Uhoraho; ni ho muzomenya yuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo ari we yabantumyeko. Ivyo bizoshika ni mwagira umwete wo kwumvira ijwi ry’Uhoraho Imana yanyu.


Ariko turazi yukw ivy’ ivyagezwe bivuga vyose bibibgira abaganzwa na vyo, kugira ngw akanwa kose kazibge, kand’ abari mw isi bose babe abo gutsindwa n’urubanza imbere y’Imana:


Ariko ga wa muntu, uri nde, uhārīra n’Imana? Mbeg’ icābūmbge cobaza uwakibumvye, kiti N’iki catumye umbumba urtya?


Ariko ni mwivuganya mu mitima yanyu, mut’ Ijambo Uhoraho atāvuze tuzorimenya dute?


Umuvugishwa azogira ico avuga mw izina ry’Uhoraho, hanyuma ntikibe, ntigishike; ico kizoba kitāvuzwe n’Uhoraho: uwo muvugishwa azoba yahāngāye kucigenera: ntimuze mumutinye.


Tuma inyonga zawe hasi, ur’ iyo mw ijuru ah’ uba hēra, uduhe umugisha twebge abantu bawe b’Abisirayeli, twe n’igihugu waduhaye, nk’uko warahiye ba sogokuruza kuzoduha igihugu gitemba amata n’ubūki.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ