Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 2:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Maz’ Uhoraho azohindura i Buyuda habe ishamvu yiwe yo mu gihugu cera, kand’ azokwongera kwirobanurira Yerusalemu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 2:12
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ariko yatoranije Yerusalemu ngw izina ryiwe rihabe, atoranya na Dawidi kugira ngw aganze abantu biwe b’Abisirayeli.


Maze yigānira Zereshi umugore wiwe n’abagenzi biwe bose, ivyamubayeko vyose. Nukw abahanuzi biwe na Zereshi umugore wiwe baramubarira, bati Moridekayi uwo, k’utanguye gucurangurizwa imbere yiwe, asangw’ ar’ uwo mu ruvyaro rw’ Abayuda, ntuzomushobora, arik’ uzocurangurizwa imbere yiwe nta kabuza!


Ati Ntimukore ku bo narobanuje amavuta, Ntimugire ico mugira abavugishwa nanje.


Kuk’ Uhoraho yatoranije Siyoni, Yahagomwe ngw ahabe.


At’ Aha ni ho buruhukiro bganje ibihe bidashira: Aha ni ho nzoba; kuko nahagomwe.


Kuk’ Uhoraho yitoranirije Yakobo, Isirayeli yamutoranirije kuba uwiwe bgite.


Hahirwa ihanga rifise Uhoraho kw Imana yaryo, Ubgoko yitoranirije kuba ishamvu yiwe.


Haguruka Mana, ucire isi urubanza: Kuk’ uzogira amahanga yose ishamvu yawe.


Kuk’ Uhoraho azogirira akagongwe aba Yakobo, azosubira gutoranya Abisirayeli, abasubize mu gihugu cabo bgite: kand’ abanyamahanga bazokwifatanya na bo, bamatane n’inzu ya Yakobo.


Ku mugoroba haba gucika ivutu, maze bugira buce bakaba batakiriho. Uwo ni wo mugabane w’abatunyaga, kandi ni yo ngero y’abatwambura.


wewe uwo natoye, nkagukūra ku mpera z’isi, nkaguhamagara ng’uve ku mfuruka zayo, nkakubgira, nt’ Ur’ umusavyi wanje, naragutoranije sinagutaye;


Arik’ Umugabane w’ aba Yakobo we si kw ameze, kukw ari we Muremyi wa vyose; kand’ Abisirayeli ni bo muryango yagize ishamvu yiwe: Uhoraho Nyen’ ingabo ni ryo zina ryiwe.


Yamar’ abo bose bakurya na bo bazoribga; abarwanizi bawe bose, umuntu wese muri bo, bazojanwa ar’ inyagano; abākugize umunyagwa na bo bazonyagwa, abākunyaga bose nzobagira inyagano.


Arik’ umugabane wa Yakobo we si kw ameze, kukw ari we Muremyi wa vyose; kandi Isirayeli ni we muryango yagize ishamvu yiwe: Uhoraho Nyen’ ingabo ni ryo zina ryiwe.


Subira usemerere, ut’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ngw Ibisagara vyanje bizokwongera kubōgabōga ivyiza; Uhoraho azokwongera kumara i Siyoni umubabaro, kand’ azokwongera kwirobanurira Yerusalemu.


Umumarayika w’ Uhoraho abarira Satani, at’ Ewe Satani, Uhoraho aguhane: Uhoraho yirobanuriye Yerusalemu aguhane: mbeg’ uyo s’igishirīra cōkōwe mu muriro?


Yabasanze mu gihugu c’ ubugaragwa, Mu bugaragwa bg’ubgeranyange, humvikanamw’ ibihūrira; Abakikiza irya n’ino, arababungabunga, Abazigama nk’imbone y’ijisho.


Kukw abantu b’Uhoraho ari bo mugabane wiwe, Aba Yakobo ni bo shamvu y’ aho yigereje ibango.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ