Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Abakozi ba Egiputa n’abadandaza ba Etiyopiya n’abagabo barebare b’i Sabe bazoza bagukomere amashi, bazoba abawe, bagukurikire, bazoza bari mu minyororo, bakwikubite imbere, bagutakambire, bati N’ukuri Imana iri muri wewe, kandi nta yindi iriho, nta yindi Mana.
Ni mwīgire hafi mwumve ibi: uhereye mw itanguriro nta ho navugiye mu mpisho; uhereye aho vyabereyeho, nariho: kandi non’ Uhoraho Imana antumanye na Mpwemu wiwe.
Kandi nzoshira ikimenyetso muri bo, abarokotse muri bo nzobatuma mu mahanga, i Tarushishi n’i Puli n’i Ludi mu bafozi b’imiheto, n’i Tubali n’i Yavani, mu baba ku kiyaga kure, aho bataribgumve ko ndi rurangiranwa, ntibabone n’icubahiro canje; maze bazokwīgānira amahanga icubahiro canje.
Ni co gituma Uhoraho avuga, ati Ngarukiye Yerusalemu nzanye imbabazi; ingoro yanje izohubakwa, ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize: i Yerusalemu hazogereshwa umugozi.
kugira ngo bose babe umwe, nk’uko wewe, Data, uri muri jewe, nanje nkaba muri wewe, ngo na bo abe ari ko baba muri twebge, ngw isi yizere kw ari wewe wantumye.