Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 2:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Maze nunamuye amaso mbona umuntu afise mu minwe umugozi wo kugera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 2:1
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ehe ni jewe ndema umucuzi avuguta umuriro w’amakara, agakūramw’ ico kurwanisha kubg’ ubuhanga bgiwe; ariko kandi naremye umuranduzi wo kugeseza na we.


Kand’ umugozi bazogeresha uzovuduka aho hantu ugororwe ushike ku gatumba k’i Garebu, maz’ uzozenguka ushike i Gowa.


Ihembe ry’i Mowabu rirakondowe, n’ukuboko kwaho kuravunitse, ni k’Uhoraho agize.


Nukw anshikanaho, ngize ntya mbona umuntu ahagaze ku kirimba, afise umugozi w’ubugwegwe mu ntoke, n’irenga ry’ikigeresho.


Mbona urugo rw’amabuye rukikije ingoro impande zose; kandi wa muntu yari n’irenga ry’ ikigeresho mu ntoke; uburebure bgaryo bgār’ amatambge atandatu y’ukuboko uciriye mu nkokora, itambge ryose rirenzekw itambge ry’intoke; nukw agera intimba y’urwo rugo, iba irenga rimwe, n’uburebure bg’igihagararo buba irenga rimwe nyene.


Maz’ uwo muntu avuye aho arikw aragenda yerekeye i burasirazuba, yar’ afise umugozi mu ntoke; awugeresha amatambge igihumbi ahwanye n’ay’ ukuboko uciriye mu nkokora; maz’ anjabutsa ayo mazi, amazi andenga ibirenge.


Arongera agera amatambge igihumbi, anjabutsa ayo mazi, amazi angera mu mavi. Arongera agera igihumbi, arayanjabutsa, amazi angera mu rukenyerero.


Hanyuma y’ivyo, mu vyo neretswe mw ijoro ngira ntya mbona igikōko ca kane, giteye ubgoba c’ubuyobe, kandi c’inkomezi nyinshi; cari gifise imihāha minini y’ivyuma; kiratabagura, kirajanjanga; ibisigaye kibisiribangisha amajanja yaco. Cari gifise itandukaniro n’ ibindi bikōko vyose vyacitangiye imbere; kandi cari gifise amahembe cumi.


Ni co gituma Uhoraho avuga, ati Ngarukiye Yerusalemu nzanye imbabazi; ingoro yanje izohubakwa, ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize: i Yerusalemu hazogereshwa umugozi.


Bampa irenga rimeze nk’inkoni, bati Va hasi ugere urusengero rw’Imana n’igicaniro n’abarusengeramwo.


Uwavugana nanje yar’ afise irenga ry’izahabu ry’ikigeresho, kugira ngw agere uwo murwa n’ibirimba vyawo n’urugo rwawo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ