Zekariya 2:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)1 Maze nunamuye amaso mbona umuntu afise mu minwe umugozi wo kugera. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Mbona urugo rw’amabuye rukikije ingoro impande zose; kandi wa muntu yari n’irenga ry’ ikigeresho mu ntoke; uburebure bgaryo bgār’ amatambge atandatu y’ukuboko uciriye mu nkokora, itambge ryose rirenzekw itambge ry’intoke; nukw agera intimba y’urwo rugo, iba irenga rimwe, n’uburebure bg’igihagararo buba irenga rimwe nyene.
Hanyuma y’ivyo, mu vyo neretswe mw ijoro ngira ntya mbona igikōko ca kane, giteye ubgoba c’ubuyobe, kandi c’inkomezi nyinshi; cari gifise imihāha minini y’ivyuma; kiratabagura, kirajanjanga; ibisigaye kibisiribangisha amajanja yaco. Cari gifise itandukaniro n’ ibindi bikōko vyose vyacitangiye imbere; kandi cari gifise amahembe cumi.