Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 14:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Maz’ Uhoraho azokwisidukira, arwane n’ayo mahanga, nk’uko yahora arwana mu ntambara.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 14:3
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

aravuga, ati Ni mutege amatwi, yemwe Bayuda mwese, namwe ababa i Yerusalemu, nawe Mwami Yehoshafati: uku ni k’Uhoraho agize: ati Nta co mutinya, canke ngo muranduke imitima kubg’ ayo masinzi y’ingabo; kukw intambara atar’ iyanyu, ariko n’iy’ Imana.


Mbitegereje, mva hasi mbarira abakuru n’abaganza n’abandi bose, nti Ntimubatinye. Mwibuke Umwami Imana, ahambaye ateye ubgoba, murwanire bene wanyu, n’abahungu banyu n’abakobga banyu n’abagore banyu n’ingo zanyu.


Maz’ ingabo z’amahanga yose arwanya Ariyeli, abaharwananya n’igihome caho bose bakahagora, bazoba nk’inzozi, nk’ivyo umuntu yeretswe mw ijoro nko mu nzozi.


nzokoraniriza hamwe amahanga yose, mbamanukane mu kiyaya ca Yehoshafati; ni ho nzobavuganiriza, mbūrana abantu banje, ni bo shamvu yanje Abisirayeli, abo bāsābagirije mu mahanga, bakīgaburira igihugu canje.


Ehe rāba, ico gihe abāguhahaza bose nzobibabaza; kandi nzokiza abacumbagira, n’abirukanywe ndabakoranirize hamwe; kand’ abāri n’ibitētērwa kw isi yose nzobahindura ishimwe n’izina rya rurangiranwa.


Kandi kur’ uwo musi nzokwitwaririka kugeseza amahanga yose yaje gutera i Yerusalemu.


Maz’ Uhoraho abaca umuhongo imbere y’Abisirayeli, babicira i Gibeyoni, barabahindikiranya, babakinagiza inzira yose idūga ija i Beti‐horoni, babica ingenda gushitsa i Azeka n’i Makeda.


Kand’ uwo musi nta wigeze guhwana na wo, ari mu yawutanguriye canke mu yawuherukiye, ah’ Uhoraho yumvise gusaba kw’umuntu, kuk’ Uhoraho ari we yarwaniye Abisirayeli.


Nukw abo bami bose n’ibihugu vyabo Yosuwa yabaneshereje igihe kimwe, kuk’ Uhoraho, Imana y’ Abisirayeli, ari we yabarwaniye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ