Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 14:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Kuko nzoba nkoranije amahanga yose ngw atere i Yerusalemu; umurwa uzotsindwa, amazu asahurwe, bafate abagore babende ku kagōbēro; igihimba c’abo ku murwa bazojanwa ar’ inyagano, arikw amasigarira ntazokūrwa kur’ uwo murwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 14:2
30 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Utuyoya twabo na two bazotubamenagurira imbere; amazu yabo azosahurwa, kand’ abagore babo bazobenda ku kagōbēro.


Maz’ ūzoba asigaye i Siyoni, n’ūzoba asigaye i Yerusalemu, umuntu wese yanditswe mu bakiriho b’i Yerusalemu, azokwitwa uwera,


Kand’ azomanikira amahanga ya kure ibendera, abahamagaze uruhwa ngo bave ku mpera y’isi; na bo bazoza n’ingoga bihuta.


Ariko munezerwe, muze muhore muhimbawe n’ivyo ndema; kuko rāba, ndema Yerusalemu ngo mpagire umunezero, n’abantu baho ngo ndabagire akanyamuneza.


mut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ni we Mana y’Abisirayeli, at’ Ehe nzobakubiranya hamwe n’ibirwanishwa biri mu maboko yanyu, ivyo murwanisha umwami w’i Babuloni n’Abakaludaya babugarije, muriko murabarwanisha inyuma y’inzitiro z’iki gisagara, mbakoranirize hamwe hagati muri co.


Ijambo ryaje kuri Yeremiya rivuye k’Uhoraho, igihe Nebukadineza umwami w’i Babuloni n’ingabo ziwe zose n’abami bo mw isi yose yaganzwa na we, n’ amahanga yose, bāriko bararwana n’i Yerusalemu n’ibisagara vyaho vyose,


Umurwanizi yashingirije ukuboko kwiwe ibintu vyaho vyose bihimbara: Kandi hitegereje ingen’ abanyamahanga binjiye ahantu haho hēra, Abo wari warahakaniye ko badakwiye kwinjira mw ikoraniro ryawe.


nuko rero, uku ni k’ Umwami Uhoraho agize, ati Rāba jewe ubganje nyene nzohigūra nawe: kandi nzocira amateka hagati muri wewe, amahanga abirorēra.


nzokoraniriza hamwe amahanga yose, mbamanukane mu kiyaya ca Yehoshafati; ni ho nzobavuganiriza, mbūrana abantu banje, ni bo shamvu yanje Abisirayeli, abo bāsābagirije mu mahanga, bakīgaburira igihugu canje.


Enda ni mwāmāmaze ibi mu mahanga, muti Ni mugabishe, mugomore abahizi, ingabo zose ni zīgire hafi, zidūge.


nuko rer’ uku ni k’Uhoraho agize, at’ Umugore wawe azocika maraya mu gisagara, kand’ abahungu bawe n’abakobga bawe bazokwicishwa inkōta, n’itongo ryawe rizogabuzwa umugozi: nawe ubgawe uzogwa mu gihugu cāhumānye, kand’ Abisirayeli ntibazobura kwambukanwa ar’ inyagano bakūwe mu gihugu cabo.


at’ Ehe nzohindura Yerusalemu igikombe co kudandabagiranya amahanga yose ahakikije, igihe bazoba bateye Abayuda, bugarije Yerusalemu.


Uwo musi nzohindura Yerusalemu ibuye riremēra amahanga yose, abazoryikorera bose bazokomereka bibi; kand’ amahanga yose yo mw isi azokoranywa no kuharwanya.


Kandi kur’ uwo musi nzokwitwaririka kugeseza amahanga yose yaje gutera i Yerusalemu.


Uwo mwami araraka, agomora ingabo ziwe, ahonnya abo bicanyi, ayigiza igisagara cabo.


Ariko, aho muzobonera ca kizira c’ubuyobe bg’ubugesera gihagaze aho kidakwiye, (ūsoma ni yiyubare), ico gihe abazoba bar’ i Yudaya baze bahungire ku misozi miremire,


Kukw iyo misi izoba iy’ amarushwa atigeze kubaho, kuva kw itanguriro ry’ibiremwa Imana yaremye ugashitsa n’ubu, kand’ atazokwongera kubaho.


Mur’ iyo misi icagezwe kiva kwa Kayisari Augusito, ngw abo mw isi bose bandikwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ