Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 13:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Kand’ ico gice ca gatatu nzobacisha mu muriro wo mu ruganda, mbakūremw’ inkamba nk’uko bazikūra mw ifeza, mbageragereshe kubavugutira, nk’uko bagerageza izahabu: bazokwambaza izina ryanje, nanje nzobumva; nzovuga, nt’ Abo n’abantu banje, na bo bazovuga, bat’ Uhoraho ni we Mana yanje.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 13:9
54 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ni wewe wahaye abantu bawe b’Abisirayeli gutsindaza, ngo baze bahore ar’ abawe ibihe vyose; kandi nawe, Uhoraho, wababereye Imana.


Yamara yo irazi inzira ncamwo; Ni yamara kumvugutira nzovamwo mmeze nk’izahabu.


N’ukuri har’ inganzo yimbgamw’ ifeza, N’ahantu bakūra izahabu ngo bazivugutire.


Hahirwa ihanga rimererwa rirtyo: Hahirwa ihanga rifise Uhoraho kw Imana yaryo.


Maze nzoja ku gicaniro c’ Imana, Ku Mana, ni yo munezero uzana ibinezaneza vyanje; Ngutazirishe inanga, Mana, wewe Mana yanje.


Uz’ unyambaze ku musi w’ amagorwa, Nzogukiza, nawe uzompesha icubahiro.


Azonyambaza, nanje ndamwitabe, Nzobana na we mu marushwa, Ndamukize, mmuhe icubahiro.


Inkono yo mu ruganda iteka ifeza, n’umuriro uvugutira izahabu, Arik’ ūgerageza imitima n’ Uhoraho.


Umukunzi wanje n’uwanje nanje nd’uwiwe, Aragira mu birungu.


Ni waca mu mazi nzoba ndi kumwe nawe, no mu nzūzi ntizizokurengera; ni waca mu muriro ntuzosha, kandi n’urubeya ntiruzokubabura.


Ehe ndakuvugutiye, ariko si nk’ifeza; nkugeragereje mu ruganda rwo kubabazwa.


Maze ni watabaza, jewe Uhoraho nzokwitaba; ni watakamba, nzovuga, nti Ndi hano. Ni wakūra ugutwaza igitugu hagati muri wewe, no gutūngira abandi urutoke, n’ibiyāgo bibi,


rit’ Uku ni k’Uhoraho agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Nk’uk’ umuntu yokwerekeza umutima kur’ izi nsukoni nziza, ni ko nzowerekeza ku Bayuda, kugira ngo mbagirire neza, abo narungitse ar’ inyagano, ngo bave aha hantu baje mu gihugu c’Abakaludaya.


Kandi muzoba abantu banje, nanje nzoba Imana yanyu.


Arikw iri ni ryo sezerano nzosezerana n’umuryango w’Abisirayeli hanyuma y’ iyo misi, ni jewe Uhoraho mbivuze; nzoshira ivyagezwe vyanje imbere muri bo, no mu mitima yabo ni ho nzovyandika; nanje nzobabera Imana, na bo bazoba abantu banje.


kandi bazoba abantu banje, nanje nzoba Imana yabo.


Ereg’ ah’ uba ni hagati mu binyoma; ibinyoma ni vyo bibankisha kummenya, ni jewe Uhoraho mbivuze.


ngo babone kugendera mu vyagezwe vyanje, no kwitondera amabgirizwa yanje ngo babishitse: maze bazoba ihanga ryanje, nanje nzoba Imana yabo.


kugira ngw ab’inzu ya Isirayeli ntibongere kwāngāra ngo bamveko, canke ngo bongere kwihumanisha ibicumuro vyabo vyose; ariko baze babe abantu banje, nanje mbe Imana yabo, ni k’Umwami Uhoraho agize.


kandi nzokūra muri mwebge abagarariji n’abancumuyeko, mbakūre mu gihugu barimwo, ariko ntibazoshika mu gihugu c’i Bgisirayeli: nuko muzomenya yuko jewe nd’ Uhoraho.


Kandi muzokwibera mu gihugu nahaye ba sogokuruza, mube abantu banje, nanje mbe Imana yanyu.


Ihema ryanje na ryo rizoba kumwe na bo; nanje nzoba Imana yabo, na bo bazoba abantu banje.


Kandi bamwe mur’ abo banyabgenge bazokwicwa, kuzoba ar’ ukubavugutira no kubakūramw’ inkamba no kubeza, gushitsa ku gihe c’iherezo, kukw iryo herezo rikirindiriye igihe cashinzwe.


Benshi bazotunganywa, bezwe, bavugutirwe; arikw abanyakibi bazoshishikara gukora ikibi, kandi nta n’umwe mu banyakibi azobitahura; arikw abāgize ubgenge bazobitahura.


Kand’ umuntu wese azokwambaza izina ry’Uhoraho azokizwa: kuko ku musozi Siyoni n’i Yerusalemu hazoba agakiza, nk’uk’ Uhoraho yavuze, kandi mu masigarira hazobamw’ abo Uhoraho azoba ahamagaye.


Nzogendera hagati muri mwebge, mbe Imana yanyu, namwe mube abantu banje.


Kandi nzokomeza inzu ya Yuda, nkize n’inzu ya Yosefu; nzobagarukana, kuko mbagiriye ikigongwe; bazomera nk’aho ntigeze kubaca, kuko jewe nd’Uhoraho Imana yabo, kandi nzobumva.


Kandi nzosuka ku nzu ya Dawidi no ku baba i Yerusalemu impwemu y’ubuntu n’iyo gusenga; kandi bazokwitegereza uwo bācumise; bazomuborogera nk’ ūborogera umwana wiwe w’ikinege, bamurware akabonge nk’ūkarwazwa n’imfura yiwe.


nzobazana basagaze hagati muri Yerusalemu; bazoba abantu banje, nanje nzoba Imana yabo mu kuri no mu bugororotsi.


Kand’ umuntu wese azokwambaza izina ry’Uhoraho azokizwa.


Kukw iri ari ryo sezerano nzosezerana n’umuryango w’Abisirayeli Hanyuma y’iyo misi, ni jewe Uhoraho mbivuze: Nzoshira ivyagezwe vyanje mu bgenge bgabo, No ku mitima yabo kandi ni ho nzovyandika, Nanje nzobabera Imana, Na bo bazoba abantu banje.


Hahirwa umuntu yihanganira ibimugerageza, kuko ni yamara kurama azohabga igitsibo c’ubugingo, ico Imana yasezeraniye abayikunda.


Abo nkunda, umuriro uri hagati yanyu wo kubagerageza ntukabatangaze, nk’aho mubonye akatābonetse.


Ūnesha azoragwa ivyo, nanje nzoba Imana yiwe, na we azoba umwana wanje.


Umumarayika wa gatatu aravuza: inyenyeri nini iva mw ijuru iratibuka, yaka nk’urumuri, itibukira ku kigira gatatu c’inzūzi no ku masōko.


Iyo nyenyeri yitwa Mururazi. Ikigira gatatu c’amazi gihinduka umururazi, abantu benshi bicwa n’ayo mazi, kuko yarurishijwe.


Umumarayika wa kane aravuza. Ikigira gatatu c’izuba n’ikigira gatatu c’ukwezi n’ikigira gatatu c’inyenyeri birakubitwa, kugira ngw ikigira gatatu cavyo gicure umwiza, ikigira gatatu co mu bihe vy’umurango nticākirwe, no mw ijoro n’uko.


Uwa mbere aravuza. Haza urubura n’umuriro bivanze n’amaraso, bishiburirwa mw isi. Ikigira gatatu c’isi kirasha, ikigira gatatu c’ibiti kirasha, ivyatsi bibisi vyose birasha.


Umumarayika wa kabiri aravuza. Ikimeze nk’igisozi kinini caka umuriro gishiburirwa mu kiyaga; ikigira gatatu c’ikiyaga gihinduka amaraso;


ikigira gatatu c’ivyaremwe vyo mu kiyaga bifise ubugingo kirapfa; ikigira gatatu c’amato kirahona.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ