Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 13:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Mur’ ico gihugu cose, ni k’Uhoraho agize, ibice bibiri vyo muri co bizorandurwa bipfe, arikw ica gatatu kizosigazwaho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 13:8
34 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi naho cosigarwamwo n’ikigiracumi co muri bo, na bo bazokwongera batikizwe: nk’ukw ibiti vy’umwela n’umweloni bisigarana igishitsi, bimaze gucibga, ni k’uruvyaro rwera ar’ igishitsi cabo.


Nuko bazosohoka baje kwitegereza imivyimba y’abangararije; kukw inyo zabo zitazopfa, kandi n’umuriro wabo ntuzime; kandi bazotera abantu bose ishishi.


Kuko ndi kumwe nawe, ni jewe Uhoraho mbivuze, kugira ngo ngukize; kuko nzoherengeteza amahanga yose, ayo nagushwiragirijemwo: ariko weho sinzoguherengeteza; mugabo nzogubana ibigeze, sinzokureka ntaguhannye.


kandi nzokūra muri mwebge abagarariji n’abancumuyeko, mbakūre mu gihugu barimwo, ariko ntibazoshika mu gihugu c’i Bgisirayeli: nuko muzomenya yuko jewe nd’ Uhoraho.


Ikigira gatatu cawe kizokwicwa n’ikīza, na kigoyi kizobamarira hagati muri wewe; ikindi kigira gatatu kizoririkirwa n’inkota impande zawe zose; n’ikindi kigira gatatu nzogishwiragiriza mu birēre vyose, kandi nzosokōra inkota ibirukane.


Kand’ azosezerana na benshi isezerano rikomeye kumara iyinga rimwe: ni ryagera hagati azokūrah’ ibimazi n’amashikanwa; ūgeseza azoza kw ibaba ry’ibizira; maz’ ubuyobe buzosukwa kur’ uyo ageseza, gushitsa ku muhero washinzwe.


Abanyavyaha bose bo mu bantu banje bazokwicwa n’inkota, kand’ ari bo bavuga, bat’ Ivyago ntibizoduhamvya canke ngo duhūrire imbere.


Ariko nzogusigamw’ abaciye bugufi na ba nyarucari, abo ni bo bazokwizigira izina ryanje jewe Uhoraho.


Kandi nzobēgēra nce amateka; nzokwihutira kwagiriza abarozi, n’abasambanyi, n’abarahira ibinyoma, n’ abagunga umucangero ingero yiwe, n’abanyikiza umupfakazi n’impfuvyi, bakagirira nabi inyambukīra, nanje ntibanyubahe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Uwo mwami araraka, agomora ingabo ziwe, ahonnya abo bicanyi, ayigiza igisagara cabo.


Iyaba Umwami Imana itogeruye iyo misi, ntihorokotse umuntu n’umwe, ariko kubg’ abatoranijwe yatoranije, yarayigeruye.


Ca gisagara gihambaye kigabanywamwo gutatu, ibisagara vy’abanyamahanga birasenyuka. I Babuloni hahambaye hibukwa imbere y’Imana, ngo hahabge agakarabo ka vino y’uburake bgayo bg’inkazi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ