Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 13:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Ikangure, wa nkota we, urwanye umwungere wanje, urwanye umuntu mugenzanje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize; kubita umwungere, intama zisanzare; kandi n’imyagazi nzoyihindurirak’ ukuboko kwanje.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 13:7
76 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abami bo mw isi baragomoye, N’abakuru bahūrije ingingo hamwe Kurwanya Uhoraho n’Uwo yarobanuje amavuta;


Nzogufatisha ukuboko kwanje, ngukūremwo rwose inkamba zawe, nkumaremw’ urwevu rwawe rwose.


Kur’ uwo musi Uhoraho azohanisha inkota yiwe ikarishe nini ikomeye Lewiyatani ca kiyoka kinyaruka, ni co Lewiyatani ca kiyoka cigonyonzora, kand’ azokwica ca gisato c’amahēro co mu kiyaga.


Azoragira umukuku wiwe nk’umwungere, azoterura imyagazi mu maboko, ayitware mu gikiriza, kand’ izonsa azoziyobora buhoro‐buhoro.


Kuk’ umwana atuvukiye, duhawe umwana w’umuhungu; ubutware buzoba ku bitugu vyiwe: azokwitwa Igitangaza, Umujanama, Imana y’ubushobozi, Data wa twese ahoraho, Umukama w’amahoro.


Weho wa nkota y’Uhoraho, uzogeza ryari kutaruhuka? Enda ni wisubize mu rwubati rwawe, utekereze, ugume hamwe.


Nawe, mwana w’umuntu, vuga ubūre, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize ku vy’ubgoko bg’ Abamoni, no ku vy’igitutsi cabgo; maz’ uvuge, ut’ Inkota, inkota irasokowe, yartyororewe kuririka, kugira ngw imaririkanye, ibe nk’ umuravyo:


ico gihugu ukibarire, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize: ngw Ehe nzohigūra namwe, kandi ngira nsokōre inkota yanje mu rwubati rwayo, ndirike abagororotsi n’abanyakibi muri wewe.


Kand’ umusavyi wanje Dawidi azoba umwami wabo, bose bazogira umwungere umwe; kandi bazogendera mu vyagezwe vyanje, bitondere amabgirizwa yanje, bayashitse.


Umuhero urashitse, umuhero urashitse, urakuvundurukiye: eh’ uraje!


Ariko wewe, Betelehemu Efurata, nah’ ur’ inkehwa mu bihumbi vy’i Buyuda, muri wewe hazomviramw’ ūzoba segaba mu Bisirayeli; amamo yiwe yahereye kera hose, ibihe n’ibindi.


Azohagarara, aragire umukuku wiwe mu nkomezi z’Uhoraho, no mu cubahiro c’ izina ry’Uhoraho Imana yiwe: kandi bazokwībērah’ umugaramango; kukw ico gihe ubukuru bgiwe buzoshika ku mpera z’isi.


Uwo musi iravunika; maz’ intama z’imyaku zanyumvira zica zimenya yukw iryo jambo ar’ iry’ Uhoraho.


Uku ni k’Uhoraho Imana yanje agize, ati Ragira umukuku w’imbāgwa:


Nuko nca ndagira umukuku w’imbāgwa, mbere zar’ intama z’imyaku. Maze nābīra inkoni zibiri, imwe ndayita Buntu, iyindi ndayita Yungiro; nuko ndagira umukuku.


ngo Rāba, inkumi izotwara inda, ivyare umwana w’umuhungu, Bazomwita Imanuweli; risobanurwa ngw Imana iri kumwe natwe.


Kand’ ūzoha umwe mur’ abo bato urwato rw’amazi apfutse gusa kukw ar’ umwigishwa, ndababgira ukuri yukw atazobura impēra yiwe.


Vyose nabihawe na Data, kandi nta wuzi Umwana, atari Data, na Data, nta wumuzi, atar’ Umwana, n’uwo Umwana agomba kumuhishurira.


Mwirinde ntimukēngēre n’umwe mur’ aba bana bato: ndababgira yuko mw ijuru abamarayika babo bama barāba mu nyonga ha Data wo mw ijuru. [


Ni ko bidakundwa mu nyonga za So wo mw ijuru k’umwe mur’ abo bato apfa rubi.


Maze Yesu arababgira, ati Mwebge mwese mur’ iri joro ivyanje bihava bibatsitaza; kuko handitswe, ngo Nzokubita umwungere, intama z’umukuku zisanzare.


Arikw ivyo vyose bibaye, kugira ngw ivyanditswe n’abāvugishwa n’Imana bishike. Bun’ abigishwa bose baramuta, barahunga.


Maze Yesu arababgira, ati Mwese muhava mutsitazwa: kuko handitswe, ngo Nzokubita umwungere, intama zisanzare.


Yemwe mwa busho buto, ntimutinye: kuko So bimuhimbara kubaha ubgami.


Ivyoba vyiza n’uko yohambīrirwa urusyo ruremereye kw izosi, agatererwa mu kiyaga, hakw atsitaza n’umwe mur’ aba bato.


Bukeye bg’aho abona Yesu aza kuri we, aravuga, ati Nguyu Umwagazi w’intama w’Imana ukūrah’ icaha c’abari mw isi.


ariko ni nabikora, naho jewe mutanyemera, mupfe kwemera ibikorwa, kugira ngo mumenye, mutahure, yuko Data ari muri jewe, nanje nkaba muri Data.


Ntimuhagarike imitima yanyu, mwizere Imana, nanje munyizere.


Yesu aramwishura, ati Ni hagira ūnkunda, azokwitondera ijambo ryanje, kandi Data azomukunda, maze tuzoza kuri we, tubane na we.


Ivyo Data afise vyose n’ivyanje, ni co gitumye mvuga, nti Yābīra ku vyanje, akabibamenyesha.


Igihe kigira kize, mbere kirashitse, aho muhava musābagira, umuntu wese aje mu vyiwe, munte jenyene, ariko sindi jenyene, kuko Data ari kumwe nanje.


ngo bose bubahe Umwana nk’uko bubaha Se; ūtubaha Umwana ntaba yubaha Se yamutumye.


Yesu arababgira, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Aburahamu ataravuka, jewe namye ndiho.


uwo muntu amaze gutangwa nk’ukw Imana yabigabiye yikomvomvoye, ibimenye bitaribgabe, mumubambisha amaboko y’abagarariji, muramwica.


yatangiwe ibicumuro vyacu, akazurwa kugira ngo dutsindanishirizwe.


Ītimanye Umwana wayo, ikamutanga kubgacu twese, izobura ite kutugabirira vyose kuri we?


Umwe atigeze kumenya icaha, Imana yamuhinduye icaha kubgacu, kugira ngo muri we duhinduke ukugororoka kw’Imana.


Kristo yaducunguye umuvumo w’ivyagezwe, yacitse ikivume kubgacu; kuko handitswe ngw Azoba avumwe umuntu wese amanitswe ku giti:


Uwo, naho yar’ asanganywe ishusho y’Imana, ntiyiyumviriye yuko kuringanira n’Imana ar’ ikintu co kwumirako:


Imana Nyen’ amahoro, imwe yakūra Umwami wacu Yesu mu bapfuye, ari we Mwungere mukuru w’intama, imukūjey’ amaraso y’isezerano ry’ibihe bidashira,


Kuko na Kristo yababajwe rimwe ahōrwa ivyaha, umugororotsi yababarijwe abagabitanya, kugira ngw adushikirize Imana; yishwe umubiri, ariko yahinduwe muzima mu buryo bg’impwemu:


Nuk’ Umwungere mukuru ni yerekanwa, muzokwambikwa mu mitwe igitsibo c’ubgiza kitazoshira.


kand’ uwo ni we mpongano y’ivyaha vyacu, mugabo s’iy’ ivyacu twenyene, ariko n’iy’ ivy’ abari mw isi bose.


rivuga, rit’ Ic’ ubona ucandike mu gitabo, ukirungikire amashengero ndwi, ukirungike muri Efeso n’i Simuruna n’i Perugamo n’i Tuwatira n’i Sarudi n’i Filadelufiya n’i Lawodikiya.


Ndamubonye, nikubita imbere y’inyundo ziwe nk’ūpfuye; maz’ anshirak’ ukuboko kw’i buryo, ati Ntutinye; jewe nd’ uwa mbere kandi nd’ uw’ iherezo,


Jewe ndi Alufa na Omega, ni k’Umwami Imana igize, iriho, kandi yamyeho, kand’ igira ize, ni yo ishobora vyose.


Kand’ ababa kw isi bose bazogisenga, umuntu wese atanditswe izina mu gitabo c’ubugingo c’Umwagazi w’Intama yatanzwe kw ikimazi uhereye ku kuremwa kw’isi.


Kandi n’abana biwe nzobicisha urupfu, kand’ amashengero yose azomenya yukw ari jewe nsesa mu mishaha no mu mitima, kandi nzokwishura umuntu wese wo muri mwebge ibihwanye n’ivyo mwakoze.


Kand’ irambarira, iti Karabaye. Ndi Alufa na Omega, itanguriro n’iherezo. Ūfise inyota nzomuha kunywa kw isōko y’amazi y’ubugingo ku buntu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ