6 Kandi bamubajije, bat’ Izo nguma zo mu biganza vyawe n’iz’ iki? Na we azokwishura, ati N’izo nakomerekeye mu nzu y’abakunzi banje.
Nuko barashimika bashira amajwi hejuru, bikebagurisha intambi n’amacumu, nk’ uk’ umugenzo wabo war’ uri: amaraso aravirirana.
Maze Yehu afora umuheto wiwe arawuheza, arasa Yoramu mu mwanya w’ibitugu, umwampi uca mu mutima; aca acurama aho nyene mu mukogote wiwe.
Kukw imbga zinkikije, Umurwi w’inkozi z’ibibi wantaye hagati; Bantoboye ibiganza n’ibirenge.
Ikangure, wa nkota we, urwanye umwungere wanje, urwanye umuntu mugenzanje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize; kubita umwungere, intama zisanzare; kandi n’imyagazi nzoyihindurirak’ ukuboko kwanje.
Pilato ati Mbega nanje nd’ Umuyuda? Ab’ ubgoko bganyu n’abaherezi bakuru ni bo bakunzaniye. Wakoze iki?
Umwotsi wo kubabazwa kwabo upfunduka ibihe bitazoshira, kandi ntibaruhuka ku murango no mw ijoro, abasenze ca gikōko n’igishushanyo caco, umuntu wese yemeye gushirwakw ikimenyetso c’izina ryaco.