Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 13:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Nuko kur’ uwo musi abīgira abavugishwa n’Imana bazogira isoni z’ivyo bārose, umuntu wese muri bo akirikw arabivuga; kandi ntibazoba bacambara insāto zo guhumbagura:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 13:4
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Baramwishura, bati Yar’ umuntu yakatse ivyoya, kandi yar’ akenyeje umukanda w’urusato. Aravuga, at’ Uwo ni Eliya w’i Tishubi.


ico gihe ni ho Uhoraho yavugiye muri Yesaya mwene Amosi, aramubgira, ati Genda ukenyurure igunira ukenyeye mu nda, ukūre n’inkweto mu birenge vyawe. Abigenza artyo, agenda yambaye ubusa, atagira n’inkweto.


Nk’ukw igisuma kimāramāra iyo gifashwe, ni ko n’ab’ inzu ya Isirayeli bazomāramāra, bo n’abami babo n’abaganwa babo n’abaherezi babo na ba kamenyi babo;


Mbega har’ isoni bāgize, bamaze gukora ibizira? Eka nta dusoni na mba, nta n’ukumāramāra. Ni co gituma bazotembana n’abari ku mutembo; igihe nzobāzira bazogwaho, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Abanyabgenge baratēterewe, barajorewe, bafashwe mpiri: erega n’uko bāgaye ijambo ryanje Uhoraho; mbeg’ ubgenge buri muri bo n’ubuki?


Yohana uyo, imyambaro yiwe yar’ iy’ ubgoya bg’ingamiya, yayikenyeza umukanda w’urusato mu rukenyerero; indya ziwe zar’ inzige n’ubūki bgo mw ishamba.


Kandi Yohana yambara ubgoya bg’ingamiya, akabukenyeza umukanda w’urusato mu rukenyerero, kandi yarya inzige n’ubūki bgo mw ishamba.


bicishijwe amabuye, bākerewemwo kubiri, bārageragejwe, bicishijwe inkota, bāyerera bambaye insāto z’intama n’iz’ impene, bāri baburaniwe, bababazwa, bagirirwa nabi,


Kand’ abanshingira intahe babiri nzobavugisha, bazovugishwa imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongwitandatu bambaye amagunira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ