Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 13:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Maze ni haramuka habonetse uwīgira ngw aravugishijwe, se na nyina bāmwivyariye bazomubgira, bati Ntugenda udapfuye, kuk’ uvuga ibinyoma mw izina ry’Uhoraho: maze se na nyina bāmwivyariye bazomutobekeranya akibivuga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 13:3
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Numvise ivyo ba kamenyi bavuga, barotora ibinyoma mw izina ryanje; bati Narose, narose.


Kandi kamenyi cank’ umuherezi cank’ uwo mu bantu ni hagira ūpfa kuvuga ivy’ imbūri yanje jewe Uhoraho, uwo muntu nzomuhana, bo n’abo mu nzu yiwe.


Nuk’ ūvugishwa n’Imana Yeremiya aca abarira Hananiya kamenyi, ati Ni wumve, Hananiya: Uhoraho ntiyagutumye, ariko wizigiza ubu bgoko ivy’ ibinyoma.


uti Ni co gituma mutazokwongera kwerekwa ibitagira ikimazi, canke kugira indagu muragura; uti Kand’ azokiza abantu biwe, abakūre mu maboko yanyu: uti Nuko muzomenya yukw ari we Uhoraho.


Kandi kamenyi ni yasukwa akagira ijambo avuga, ni jewe Uhoraho nzoba ndamusutse, kandi nzomushingiriza ukuboko kwanje, ndamurandure ndamukūre hagati mu bantu banje b’Abisirayeli.


Arambgira, ati Mwana w’umuntu, aha hantu n’ah’ intebe yanje y’ubgami, n’ ahantu ibirenge vyanje bizohora bishinze, ni ho nzobana n’Abisirayeli ndi hagati muri bo gushitsa ibihe bidashira: kand’ ab’ inzu ya Isirayeli ntibazokwongera kwanduza izina ryanje ryera ukundi, bo ubgabo, cank’ abami babo, ngo baryandurishe ubumaka bgabo, cank’ imivyimba y’abami babo iri mu ntatemwa zabo,


Ūkunze se canke nyina akabandutisha, ntaba ankwiye: kand’ ūkunze umuhungu wiwe cank’ umukobga wiwe akabandutisha, ntaba ankwiye.


at’ Umuntu ni yaza kuri jewe, ntiyanke se, na nyina, n’umugore wiwe, n’abana biwe, na bene nyina, na bashiki biwe, mbere n’amagara yiwe na yo, ntashobora kuba umwigishwa wanje.


Ni co gituma uhereye none tutakigira uwo tumenya ku vyo ku rukoba; naho twari tuzi Kristo mu vy’ umubiri, ariko none ntitukimumenya durtyo.


At’ Arik’ umuvugishwa azohāngāra kwigenera ijambo ntamugeze kuvuga, akarivuga mw izina ryanje, cank’ akagira ico avuga mw izina ry’izindi mana, uwo muvugishwa azobizira apfe.


Lewi yavuze ku vya se na nyina, ati Sinkibamenya; N’abo bavukana ntabemera, Canke ngw anamenye n’ivy’ abana biwe ubgiwe; Kukw Abalewi bakomeje ijambo ryawe, Bakitondera isezerano ryawe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ