Zekariya 13:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)2 Kandi kur’ uwo musi nzoherengeteza amazina y’ibigirwamana mu gihugu, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, vyoye kuzokwibukwa ukundi; kandi ba kamenyi nzobamaririkanya mu gihugu bo n’impwemu zihumanye. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Arambgira, ati Mwana w’umuntu, aha hantu n’ah’ intebe yanje y’ubgami, n’ ahantu ibirenge vyanje bizohora bishinze, ni ho nzobana n’Abisirayeli ndi hagati muri bo gushitsa ibihe bidashira: kand’ ab’ inzu ya Isirayeli ntibazokwongera kwanduza izina ryanje ryera ukundi, bo ubgabo, cank’ abami babo, ngo baryandurishe ubumaka bgabo, cank’ imivyimba y’abami babo iri mu ntatemwa zabo,