Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 13:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Kandi kur’ uwo musi nzoherengeteza amazina y’ibigirwamana mu gihugu, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, vyoye kuzokwibukwa ukundi; kandi ba kamenyi nzobamaririkanya mu gihugu bo n’impwemu zihumanye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 13:2
40 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uhoraho arayibaza, at’ Uja kumwosha ute? Na yo iti Ndagenda nihindure impwemu y’ibinyoma mu kanwa ka ba kamenyi biwe bose. Na we arayishura, ati Nuko, uramwosha, kand’ uzobishobora; genda ugire urtyo.


Amagorwa y’abakāba Uhoraho iyindi mana azogwira, Ibimazi vyazo vy’amaraso sinzobihereza ngo ndabisuke, Kand’ amazina yazo sinzoyavugisha iminwa yanje.


Na ho ni catabagurwa n’igikōko, azane ikirangara kibishingira intahe; ntārinde kuriha iyatabaguwe.


Kand’ ivyo nababgiye vyose muze muvyitondere; ntimukagire amazina y’izindi mana muvuga, ntakumvikane mu kanwa kanyu.


Kur’ uwo musi umuntu azoshibura ibigirwamana vyiwe vy’ifeza, n’ibigirwamana vyiwe vy’izahabu, ivyo bamucuriye ngw abisenge, abishiburire amafuku n’ubuhungarema;


kuko bākoze ivy’ ubupfu mu Bgisirayeli, bagasambana n’abagore ba bagenzi babo, bakavuga amagambo y’ibinyoma mw izina ryanje, ayo ntābageze; jewe ubganje ndabizi, kandi nd’icabona, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Nta kwerekwa kw’ ibinyoma cank’ indagu y’akabirya bizokwongera kuba mu nzu ya Isirayeli.


uti Ni co gituma mutazokwongera kwerekwa ibitagira ikimazi, canke kugira indagu muragura; uti Kand’ azokiza abantu biwe, abakūre mu maboko yanyu: uti Nuko muzomenya yukw ari we Uhoraho.


Kandi kamenyi ni yasukwa akagira ijambo avuga, ni jewe Uhoraho nzoba ndamusutse, kandi nzomushingiriza ukuboko kwanje, ndamurandure ndamukūre hagati mu bantu banje b’Abisirayeli.


Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati N’ibigirwamana na vyo nzobihonnya, kandi nzoherengeteza ibishushanyo muri Nofu; nta muganwa azosubira kuboneka mu gihugu ca Egiputa; kandi nzoshira ibiteye ubgoba mu gihugu ca Egiputa.


Kandi nzobamijakw amazi meza, mushire imvyiro: nzoboza imyanda yanyu yose, n’ibigirwamana vyanyu vyose.


Kandi nzobakiza ibibanduza vyose, mbahurumbirize ingano ndazikikimvye, kandi sinzobatēza inzara.


Ntibazokwongera kwihumanisha ibigirwamana ukundi, cank’ ibizira vyabo, cank’ ibicumuro vyabo vyose; ariko nzobarokora mbakūre ahantu bibera bākoreye ivyaha, mbatunganye: uko ni ko bazoba abantu banje, nanje mbe Imana yabo.


Arambgira, ati Mwana w’umuntu, aha hantu n’ah’ intebe yanje y’ubgami, n’ ahantu ibirenge vyanje bizohora bishinze, ni ho nzobana n’Abisirayeli ndi hagati muri bo gushitsa ibihe bidashira: kand’ ab’ inzu ya Isirayeli ntibazokwongera kwanduza izina ryanje ryera ukundi, bo ubgabo, cank’ abami babo, ngo baryandurishe ubumaka bgabo, cank’ imivyimba y’abami babo iri mu ntatemwa zabo,


Aho muba hose ibisagara bizogesezwa, n’ibitabo bitamārirwe, kugira ngw ibicaniro vyanyu bisangangurwe, bitamārirwe, n’ibigirwamana vyanyu bimenagurwe, biherengetezwe, n’ ibishushanyo vyanyu vy’izuba bicibge bitsindwe hasi, n’ibikorwa vyanyu bizimangane.


Efurayimu azovuga, ati Turacahūriye hehe n’ibigirwamana? Naramwishuye, kandi nzomushirak’ umutima. Mmeze nk’igiti c’akajwari gitotahaye: imbuto zawe ni jewe zandurukako.


Kuko nzokūra mu kanwa kiwe amazina ya za Bayali, kandi n’amazina yazo ntazokwongera kwibukwa ukundi.


Kandi nzokwikwerera ube uwanje ibihe bidashira; mbere nzokwikwerera mu bugororotsi no mu kuroranya no mu kugira neza no mu mbabazi.


Ereg’ umuntu agendana impwemu y’ ikinyoma, akabesha, ati Nkuboneye vino n’ibinyobga; ni we yoba umuvugishwa kur’ ubu bgoko!


Uhoraho azobabera agaterabgoba: kukw azocobogoza ibigirwamana vyose vyo kw isi; maz’ abantu bazomwunamira, umuntu wese ah’ ari, mbere n’ibizinga vyose vyo mu kiyaga vy’abanyamahanga.


Impwemu ihumanye iy’ ivuye mu muntu, ica ahatagira amazi, irondera uburuhukiro, ikabubura.


Mwirinde abīgira abavugishwa n’Imana; baza kuri mwebge bambaye nk’intama; arikw imbere ar’ amabingira y’inkazi.


Arik’ urutoke rw’Imana ni rwaba ari rwo runshoboza gusenda abadayimoni, noneh’ ubgami bg’Imana burabashikiriye.


Muze musangangure ibicaniro vyabo, mumenagure amabuye bāshinze, muturire inkingi bāshingiye Ashera, mutemagure n’ ibishushanyo bibājwe vy’ibigirwamana vyabo, muzimirize amazina yavyo aho hantu vyahora.


At’ Arik’ umuvugishwa azohāngāra kwigenera ijambo ntamugeze kuvuga, akarivuga mw izina ryanje, cank’ akagira ico avuga mw izina ry’izindi mana, uwo muvugishwa azobizira apfe.


mukifatanya n’ayo mahanga agisigaye muri mwebge, canke ngo mushire mu kanwa amazina y’imana zabo, canke ngo muzirahire, canke ngo muzisabe, canke ngo muzunamire;


Asemerera n’ijwi rirenga, ati Kirakomvomvotse, kirakomvomvotse, Babuloni ca gisagara gihambaye, gicitse ikibanza c’abadayimoni, aharindirwa impwemu zihumanya zose, aharindirwa ibisīga bihumanya vyankwa vyose.


Ico gikōko gifatwa mpiri, bo na wa muvugishwa w’ibinyoma, yakorera vya bimenyetso mu maso yaco, akabizimirisha abemeye gushirwakw ikimenyetso ca ca gikōko n’abasenga igishushanyo caco. Vyompi bitererwa bibona mu kiyaga caka umuriro n’amazuku.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ