Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 13:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Kur’ uwo musi ab’inzu ya Dawidi n’ababa i Yerusalemu bazotoborerwa imbizi yo kubōza ivyaha n’ibihumane.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 13:1
34 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Unyuhagire rwose ukugabitanya kwanje, Unyoze icaha canje.


Unyezeshe ezobu, ndera: Unyuhagire ndaba derere kurusha uko shelegi yera.


Ni co gituma muzovomana umunezero mu mariba y’agakiza.


Umwami Imana amaze kwuhagira imyanda abakobga b’i Siyoni ayirangije, kand’ amaze gukūra kuri Yerusalemu amaraso y’abantu, ayakūjeh’ impwemu y’amateka n’impwemu yo guturira.


Ewe Uhoraho, vyizigiro vy’Abisirayeli, abagutaye bose bazorimarima; abakuvako bazokwandikwa mu mukungugu gusa, kuko bataye Uhoraho, ari we sōko y’amazi y’ ubugingo.


kukw abantu banje bakoze ibibi bibiri: bataye jewe, isōko y’amazi y’ubugingo, bakīyimbira ivyobo vyo kubīka amazi, ivyobo vyatobotsemw’ imishwena, bidashobora kugumamw’ amazi.


ukavuga, ut’ Uhoraho ko yaguhinduye umuherezi mu gishingo c’umuherezi Yehoyada, namwe kugira ngo mube ababgiriza mu ngoro y’Uhoraho, ngo mubuze umuntu wese w’ umusazi yīgira ūvugishwa n’Imana, ngo mumushire mu mpatane z’ibiti no mu minyororo;


Nzobōza ibigabitanyo vyabo vyose, ivyo bangabitanijeko; nzobaharira ibigabitanyo vyabo vyose bangabitanijeko n’ivyo bancumuyeko.


riti Mwana w’umuntu, ab’ inzu ya Isirayeli igihe bāba mu gihugu cabo, bācononesha ingeso zabo n’ibikorwa vyabo: ingeso zabo imbere yanje zambereye nk’umugore ari mu miziro.


Kandi nzobamijakw amazi meza, mushire imvyiro: nzoboza imyanda yanyu yose, n’ibigirwamana vyanyu vyose.


Kandi nzobakiza ibibanduza vyose, mbahurumbirize ingano ndazikikimvye, kandi sinzobatēza inzara.


Nukw angarukana ku muryango w’ingoro; ngize ntya, mbona har’ amazi yiburuka ava musi y’urwinjiriro rw’irebe ry’ingoro, atembera i burasirazuba, kukw ingoro yari yerekeye i burasirazuba nyene; nukw ayo mazi yatemba, ava i buryo bg’ ingoro, aca i ruhande y’igicaniro, ahahera i bumanuko.


Mugabo icokorokera mw isōko canke mu rwobo rwimbiwe kubīkamw’ amazi, akadengēramwo, yo ntiyoba ahumanye; arik’ uwokora ku muvyimba wavyo wakorokeyemwo yoba ahumanye.


nzoshikura ubupfumu mu kuboko kwawe, kandi ntuzoba ukigira abaragura.


n’iyindi miryango yose isigaye, umuryango wose ukwawo, n’abagore babo ukwabo.


Uwo musi nzohindura Yerusalemu ibuye riremēra amahanga yose, abazoryikorera bose bazokomereka bibi; kand’ amahanga yose yo mw isi azokoranywa no kuharwanya.


Bukeye bg’aho abona Yesu aza kuri we, aravuga, ati Nguyu Umwagazi w’intama w’Imana ukūrah’ icaha c’abari mw isi.


Kuko rimwe‐rimwe umumarayika yamanuka aja muri kino kidengeri, akazīkurura amazi. Maz’ uwītangiye gutambukiramwo, amazi azīkurutse, ni we yakira indwara yamufashe iy’ ari yo yose.]


Kandi bamwe muri mwebge ni ko mwari muri: ariko mwaruhagiwe, ariko mwarejejwe, ariko mwatsindanishirijwe mw izina ry’Umwami Yesu Kristo no muri Mpwemu w’Imana yacu.


ariko mwacungujwe amaraso y’igiciro kinini, nk’ay’ umwagazi w’intama utagira agasembga cank’ ibara, ni yo ya Kristo.


Ariko tugendeye mu muco, nk’uko na yo iri mu muco, tuba dufatanije ubgacu, kand’ amaraso ya Yesu Umwana wayo atwoza icaha cose.


Ni we Yesu Kristo yaje agaca mu mazi no mu maraso: si mu mazi yonyene, ariko ni mu mazi no mu maraso.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ