Nukw angarukana ku muryango w’ingoro; ngize ntya, mbona har’ amazi yiburuka ava musi y’urwinjiriro rw’irebe ry’ingoro, atembera i burasirazuba, kukw ingoro yari yerekeye i burasirazuba nyene; nukw ayo mazi yatemba, ava i buryo bg’ ingoro, aca i ruhande y’igicaniro, ahahera i bumanuko.
Kuko rimwe‐rimwe umumarayika yamanuka aja muri kino kidengeri, akazīkurura amazi. Maz’ uwītangiye gutambukiramwo, amazi azīkurutse, ni we yakira indwara yamufashe iy’ ari yo yose.]
Kandi bamwe muri mwebge ni ko mwari muri: ariko mwaruhagiwe, ariko mwarejejwe, ariko mwatsindanishirijwe mw izina ry’Umwami Yesu Kristo no muri Mpwemu w’Imana yacu.