9 Kandi kur’ uwo musi nzokwitwaririka kugeseza amahanga yose yaje gutera i Yerusalemu.
Maz’ ingabo z’amahanga yose arwanya Ariyeli, abaharwananya n’igihome caho bose bakahagora, bazoba nk’inzozi, nk’ivyo umuntu yeretswe mw ijoro nko mu nzozi.
Ni hagira abagutera, si jewe nzoba mbagomoye; abazogutera bose bazohindikirana imbere yawe.
Nta co kurwanisha bācuriye kukurwanya kizogira ico kimara; kand’ ururimi rwose ruzoguhagurukira kukubūranya, uzorutsinda. Ivyo ni vyo mwandu w’abasavyi banje, jewe Uhoraho, kand’ ukwo ni kwo kugororoka kwabo kwanduruka kuri jewe; ni jewe Uhoraho mbivuze.
kandi nzokwubika ingoma z’abami, mpenebereze ububasha bg’ubgami bg’amahanga; nzokwubika imikogote y’intambara n’abayigenderamwo, kand’ amafarasi azogwaho, bo n’abayagenderako, umuntu wese agwe yishwe n’inkota ya mugenzi we.
at’ Ehe nzohindura Yerusalemu igikombe co kudandabagiranya amahanga yose ahakikije, igihe bazoba bateye Abayuda, bugarije Yerusalemu.