Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 12:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Kand’ Uhoraho azobanza gukiza amahema y’Abayuda, kugira ngw ishimwe ry’inzu ya Dawidi n’ishimwe ry’ababa i Yerusalemu ryoye gushirwa hejuru gusumba iry’ Abayuda.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 12:7
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Namba mugomba kunyiratako, No kunyagiririsha ivyago vyanje mubindemēka,


Abanezerezwa n’uko ngiriwe nabi bicwe n’isoni, bateteranwe: Abanyiratako bambikwe isoni n’ugukēngērwa.


Kuko navuze, nti Boye kunyitamba hejuru: Iy’ ikirenge canje kinyereye, banyirata hejuru.


S’umwansi yantutse, Vyari kumbera ibitwarika; Cank’ uwanyanka si we yanyishimye hejuru, Mba naramwinyegeje.


Uhoraho Nyen’ ingabo ni we yabigabiye, kugira ngw akengereze ubgibone bg’ icubahiro cose, kandi ngw agayishe abanyacubahiro bose bo mw isi.


Uku ni ko ndabivuze, jewe Uhoraho, nti Rāba nzotuma abo mu mahema ya Yakobo bahindukira, bave mu ngoyi zabo, ngirire ikigongwe amazu yabo; kand’ igisagara kizokwubakwa mu bitongozi vyaho, n’ ingoro isubire kumera nk’uko yahora.


Kur’ uwo musi nzovyura urusago rwa Dawidi rwatemvye, nzibire ibihengeri vyarwo; nongere nsanasane ahāshize harwo, ndarwubake rumere nk’uko rwahoze kera;


Uwo musi iravunika; maz’ intama z’imyaku zanyumvira zica zimenya yukw iryo jambo ar’ iry’ Uhoraho.


Aranyishura, ati Ngiri ijambo Uhoraho atumye kuri Zerubabeli, ati Si kubg’ inkomezi, si kubg’ ubushobozi, ariko ni kubga Mpwemu wanje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Uwo mwanya anezererwa cane muri Mpwemu Yera, aravuga, ati Ndaguhimbaza Data, Mwami w’ijuru n’isi, kukw ivyo wabihishije abanyabgenge n’abahanga, ukabihishurira inzoya. Ego me Data, kuko washimye ko biba birtyo imbere yawe.


None rer’ ukwihaya kuri hehe? Kwarabujijwe. Kwabujijwe n’ivyagezwe ki? Mbega n’ivy’ ibikorwa? Haba na mba: kwabujijwe n’ivy’ ukwizera.


Ni mwumve, bene Data nkunda. Mbeg’ Imana ntiyatoranirije aboro b’ivy’ isi kuba abatunzi mu kwizera, no kuragwa ubgami yasezeraniye abayikunda?


Arikw itanga ubuntu burushirije. Ni co gituma ivuga, it’ Imana irwanya abibona, arikw abicisha bugufi ibaha ubuntu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ