Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 12:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Kur’ uwo musi, ni k’Uhoraho agize, nzogwisha igihūmura ifarasi yose, kand’ ūri kuri yo nzomutēza ibisazi. Nzosubiza amaso ku nzu ya Yuda, kand’ ifarasi yose y’amahanga nzoyitēza uruhumyi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 12:4
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

kugira ng’ uhoze inyonga zawe kur’ iyi ngoro ku murango no mw ijoro, ni ho wavuze k’uzoshira izina ryawe, kugira ng’ uze wame wumva amasengesho yanje, jewe umusavyi wawe nzogusenga ntumbereye aha hantu.


Nukw aca arungikay’ amafarasi n’ imikogote n’ingabo nyinshi; bagenda mw ijoro, bashitse baziguza ico gisagara hirya no hino.


Za ngabo zimanutse iyo Elisa ari, asaba Uhoraho, ati Ndakwinginze, suka uruhuni mu maso y’aba bantu. Nukw abatamw’ uruhuni, nk’uko Elisa yasavye.


kugira ng’ uhoze inyonga zawe kur’ iyi ngoro ku murango no mw ijoro, ni ho wavuze k’uzoshira izina ryawe, kugira ng’ uze wame wumva amasengesho yanje, jewe umusavyi wawe nzogusenga ntumbereye aha hantu.


Nuko Mana yanje, ndakwinginze, tereza inyonga zawe urābe, tega amatwi wumve amasengesho asengerwa aha hantu.


Uhereye ubu, nzokwama ntereza inyonga zanje ndābe, ntege amatwi yanje numve amasengesho asengerwa aha hantu.


None tega ugutwi kwawe wumvirize, tereza n’inyonga zawe witegereze, kugira ngo wumve ugusenga kwanje, jewe umusavyi wawe nsengera imbere yawe mur’ iyi misi ku murango no mw ijoro, nkwingingira abasavyi bawe b’ Abisirayeli, nātura ivyaha twebge Abisirayeli twagucumuyeko; mbere twe n’inzu ya data twaracumuye.


Maze kur’ uwo musi Uhoraho azohana ingabo zo hejuru mw ijuru, n’abami bo hasi mw isi.


Tega ugutwi Uhoraho, wumve; tereza inyonga zawe, Uhoraho, witegereze; wumve amagambo yose ya Senakeribu yatumye ino kugutuka wewe Mana nzima.


Kuko nzobashirakw ijisho kugira ngo mbagirire neza, kandi nzosubira kubagarukana mur’ iki gihugu: nzobubaka, sinzobasambura; nzobatēragira, sinzobarandura.


nzogukimiranya, nshire igera mu mibangabanga yawe, ngukwegane n’ingabo zawe zose, n’amafarasi n’abayagenderako, bose bambaye ivyuma vyo kwīkīngiriza, ar’ igitero kinini citwaje inkinzo nto‐nto na nini‐nini, bose bafashe inkota:


Muzohāgira ku meza yanje, muhāgijwe n’amafarasi aheka abantu n’ayakwega imikogote, n’abahizi, n’ingabo zose z’intambara, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Ewe Mana yanje, banga ugutwi kwawe wumve, ni wihwezeshe inyonga zawe witegereze ubugesera bgaduteye, n’umurwa witirirwa izina ryawe, kukw ivyo tugutakambiye, tutabigushize imbere twishingikirije ku bugororotsi bgacu, ariko ni kubg’ imbabazi zawe nyinshi.


Abo bazomera nk’abahizi mu rugamba, basiribangira abansi babo mu vyondo vyo mu nzira; bazorwana, kuk’ Uhoraho ari kumwe na bo: kand’ abagendera ku mafarasi bazomāramāra.


Kur’ uwo musi hazoba umuborogo ukomeye i Yerusalemu, nka ya maborogo yabaye i Hadadi‐rimoni mu kiyaya c’i Megidoni.


Uwo musi nzohindura Yerusalemu ibuye riremēra amahanga yose, abazoryikorera bose bazokomereka bibi; kand’ amahanga yose yo mw isi azokoranywa no kuharwanya.


Abatware b’ Abayuda bazokwibgira mu mitima, bat’ Ababa muri Yerusalemu ni bo nkomezi zacu, kuko bafise Uhoraho Nyen’ ingabo kw Imana yabo.


Kur’ uwo musi abatware b’Abayuda nzobahindura nk’urujo rurik’ umuriro rushirwa mu nkwi, canke nk’urumuri rwaka rushizwe mu mikama y’ingano; bazotōngōra amahanga yose abakikije i buryo n’i bumoso; kandi Yerusalemu hazokwongera kwubakwa aho hāhoze, ni ho i Yerusalemu nyene.


Kand’ ico cago nyene kizoba ku mafarasi no ku nyumbu no ku ngamiya no ku ndogoba no ku bindi bitungwa vyos bizoba aho bashagaje.


Ingoro yanje nzoyisagaza impande zose, ndayibuze igitero, kugira ngo ntihagire ūhaca aja irya cank’ agaruka, kugira ng’ uwabatwaza ituntu ntiyongere kubaca hagati: kuko noneho mvyiboneye n’amaso yanje.


Nukw iyo misi y’ubutamenya, Imana yarayīrengagije, ariko noneho, igera kw abantu bose bari hose bihana,


Uhoraho azobatērēra ibisazi n’ubuhumyi n’ubuyingiyingi;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ