Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 12:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Uwo musi nzohindura Yerusalemu ibuye riremēra amahanga yose, abazoryikorera bose bazokomereka bibi; kand’ amahanga yose yo mw isi azokoranywa no kuharwanya.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 12:3
31 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kukw ihanga n’ubgami bitazokwemera kugukorera bizohona; ni koko ayo mahanga azogesezwa rwose.


Kand’ ab’ inzu ya Yakobo bazoba umuriro, n’ab’ inzu ya Yosefu babe imbeya zawo, n’ab’ inzu ya Esau babe nk’ibishingwe, babaturire, babatongōre; nta wuzosigara mu b’ inzu ya Esau; kuk’ Uhoraho ari we abivuze.


Kandi nzokwīhōra amahanga atumvira, nsuguriwe, ndatse.


Kand’ amasigarira ya Yakobo azoba mu mahanga no mu moko menshi nk’intambge iri mu bikōko vyo mu kibira, canke nk’umugunza wayo uri mu mikuku y’intama: iyo uziciyemwo, urazinyukanyuka, ukazitabagura, ata wo kuzikiza.


Kuk’ umuryano wabaye i Lebanoni uzokwubikizako, n’ukugesera kw’ibikōko kuzogutera ubgoba, uhōwe amaraso y’ abantu, n’umuryano igihugu cabonye, bo n’ibisagara n’ababibamwo bose.


Ehe rāba, ico gihe abāguhahaza bose nzobibabaza; kandi nzokiza abacumbagira, n’abirukanywe ndabakoranirize hamwe; kand’ abāri n’ibitētērwa kw isi yose nzobahindura ishimwe n’izina rya rurangiranwa.


kandi nzokwubika ingoma z’abami, mpenebereze ububasha bg’ubgami bg’amahanga; nzokwubika imikogote y’intambara n’abayigenderamwo, kand’ amafarasi azogwaho, bo n’abayagenderako, umuntu wese agwe yishwe n’inkota ya mugenzi we.


Kur’ uwo musi hazoba umuborogo ukomeye i Yerusalemu, nka ya maborogo yabaye i Hadadi‐rimoni mu kiyaya c’i Megidoni.


Kur’ uwo musi, ni k’Uhoraho agize, nzogwisha igihūmura ifarasi yose, kand’ ūri kuri yo nzomutēza ibisazi. Nzosubiza amaso ku nzu ya Yuda, kand’ ifarasi yose y’amahanga nzoyitēza uruhumyi.


Kur’ uwo musi abatware b’Abayuda nzobahindura nk’urujo rurik’ umuriro rushirwa mu nkwi, canke nk’urumuri rwaka rushizwe mu mikama y’ingano; bazotōngōra amahanga yose abakikije i buryo n’i bumoso; kandi Yerusalemu hazokwongera kwubakwa aho hāhoze, ni ho i Yerusalemu nyene.


Kur’ uwo musi ab’inzu ya Dawidi n’ababa i Yerusalemu bazotoborerwa imbizi yo kubōza ivyaha n’ibihumane.


Kur’ uwo musi Uhoraho azobaca umuhongo w’akaburarugero; maz’ umuntu wese asūmire ukuboko mugenzi we, abangure ukuboko arwane na mugenzi we.


Kur’ uwo musi ntihazoba har’ umuco utamanzuye, ntihazoba n’ ikibūnda:


Arik’ ūzogwa kur’ iryo buye azovunagurika; arik’ uwo rizogwako rizomuvungura.


Ūzogwa kur’ iryo buye wese azovunagurika, arik’ uwo rizogwako wese rizomuvungura.


kukw izo ar’ impwemu z’abadayimoni, zikora ibimenyetso, zija ku bami bo mw isi yose, ngo zibakoranirize ku ntambara yo ku musi uhambaye w’Imana ishobora vyose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ