Kuk’ ukw ari k’Uhoraho ambariye, ari we Mana y’Abisirayeli, at’ Enda abīra mu kuboko kwanje iki gikombe ca vino y’uburake bganje, ukiramize amahanga yose ngutumyeko, bakinywe.
uwo na we azonywa kuri vino, ni yo burake bg’Imana, yiteguwe idafunguye mu gakarabo k’uburake bgayo. Kand’ azobabarizwa n’umuriro n’amazuku imbere y’abamarayika bera n’imbere ya wa Mwagazi.