Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 12:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 at’ Ehe nzohindura Yerusalemu igikombe co kudandabagiranya amahanga yose ahakikije, igihe bazoba bateye Abayuda, bugarije Yerusalemu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 12:2
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kuko mu ntoke z’Uhoraho har’ agakarabo, karimwo vino ibira: Kuzuye vino ituriranije, arayisuka: N’ukuri abanyakibi bo mw isi bazokwīrāngūza urukoma rwayo, barunywe.


Ikangure, ikangure, vyuka uve hasi, ewe Yerusalemu, uwo Uhoraho yasomesheje ku gikombe c’uburake bgiwe; wanyoye ku gakarabo ari ko gikombe c’ukudandabagiranya, uracīrāngūza.


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho ambariye, ari we Mana y’Abisirayeli, at’ Enda abīra mu kuboko kwanje iki gikombe ca vino y’uburake bganje, ukiramize amahanga yose ngutumyeko, bakinywe.


Nuko nābīra igikombe mu kuboko kw’ Uhoraho, ndakiramiza amahanga yose Uhoraho yantumyeko;


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho agize, at’ Abāri batabereye kunywa kur’ ico gikombe ko batazobura kukinywa, none weho uzogenda udahanwe na gatoya? Eka ntuzogenda udahanwe, arik’ uzonywa nta kabuza.


Kandi nzoboreza abaganwa baho n’abanyabgenge baho, bo n’abagabisha baho, n’abahaganza n’abahizi baho; bazosinzira itiro ry’intashira, ntibikangure ukundi, ni jewe Umwami mbivuze, izina ryanje nd’ Uhoraho Nyen’ ingabo.


Babuloni cār’ igikombe c’izahabu mu kuboko kw’Uhoraho, cāboreje isi yose: amahanga yanyoye kuri vino yaco, ni co catumye azimira ubgenge.


Mbega none n’iki kikitwicaritse? Enda ni mwegerane, tuje mu bisagara vyubakiwe inzitiro, twumireyo; kuk’ Uhoraho Imana yacu atwumije, aduhaye amazi y’ubumara ngo tuyanywe, kuko twacumuye k’Uhoraho.


Utumbaraye ibitētērwa mu gishingo c’icubahiro: enda nywa nawe, wisige ubusa! Igikombe kiri mu kuboko kw’i buryo kw’Uhoraho kizoruha kigushikeko nawe, kand’ ivy’ isoni biteye ishishi bizoba ku cubahiro cawe.


Kand’ Abayuda bar’ i Yerusalemu bazorwana, maz’ ubutunzi bg’amahanga yose ahakikije buzorundanirizwa hamwe, amazahabu n’amafeza n’imyambaro, vyinshi vy’ itīti.


Kuko nzoba nkoranije amahanga yose ngw atere i Yerusalemu; umurwa uzotsindwa, amazu asahurwe, bafate abagore babende ku kagōbēro; igihimba c’abo ku murwa bazojanwa ar’ inyagano, arikw amasigarira ntazokūrwa kur’ uwo murwa.


uwo na we azonywa kuri vino, ni yo burake bg’Imana, yiteguwe idafunguye mu gakarabo k’uburake bgayo. Kand’ azobabarizwa n’umuriro n’amazuku imbere y’abamarayika bera n’imbere ya wa Mwagazi.


Ca gisagara gihambaye kigabanywamwo gutatu, ibisagara vy’abanyamahanga birasenyuka. I Babuloni hahambaye hibukwa imbere y’Imana, ngo hahabge agakarabo ka vino y’uburake bgayo bg’inkazi.


Mumugirire ibihwanye n’ivyo yagiriye abandi, mumugerere kabiri ibikwiranye n’ivyo yakoze. Mu gakarabo yavangiyemwo, mumuvangiremwo kabiri.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ