Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 12:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Imbūri y’ijambo ry’Uhoraho yo ku Bisirayeli. Uku ni k’Uhoraho agize, uwāgānuye amajuru agashirah’ itanguriro ry’isi, akarema impwemu yo mu muntu,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 12:1
36 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ iryo tāzānure Imana iryita Ijuru. Buragoroba, buraca: uwo n’umusi ugira kabiri.


Uhoraho Imana abumba umuntu mu mukungugu wo hasi, amuhumekera mu mazuru impwemu y’ubugingo; umuntu aca aba ūfise ubugingo.


Yagaranzuye i burārūko ihashinga ku kirēre, Isi iyenetsa ku busa.


Mbega woshobora kwaganura ijuru ufatanije na yo, Kandi rikomeye nk’icirore cavugutiwe mu nkero?


Wifubika umuco nk’umwambaro; Ugaranzura ijuru nk’ihema.


Uhoraho aguhe umugisha uva i Siyoni; Ni we yaremye ijuru n’isi.


umukungugu ugasubira mw ivu aho wahoze, umushaha ugasubira ku Mana yawutanze.


Ni nde yigeze kugera amazi y’ikiyaga ku rushi, akageresha ijuru itambge ry’intoke, akaronka ingero yokwirwamw’ umukungugu wo kw isi, akagera imisozi ku munzane, n’uturambi ku ngero?


Iyo ni yo ivyagiye ahihese hejuru y’isi, ababa mw isi bameze nk’uduhori; ni yo igaranzura amajuru nk’impuzu y’agakangayenzi, ikayāgānura nk’ihema ryo kubamwo;


Uku ni kw Imana Uhoraho agize, uwaremye amajuru akayāgānura, uwagaranzuye isi n’ivy’ imera, uwahaye abantu bo muri yo guhumeka, kand’ abayigendako akabaha ubugingo:


Uku ni k’Uhoraho agize, Umucunguzi wawe, uwakubumvye uhereye ukiri mu nda, ati Ni jewe Uhoraho ndema vyose, nāguye ijuru nd’umwe, ngaranzura isi: har’ uwo twari kumwe?


Ni jewe naremye isi, kandi ndayiremerakw abantu; ni jewe nibambiye amajuru n’amaboko yanje, kand’ ingabo z’inyenyeri zose zo kuri yo ndazigaba.


Uku ni k’Uhoraho agize, uwaremye amajuru, ni we Mana; uwabumvye isi akayirema; yarayikomeje, ntiyayiremye ngw ibek’ ubusa gusa, ariko yayibumvye kugira ngw ibekw abantu: ati Ni jewe Uhoraho, kandi nta wundi.


Mber’ ukuboko kwanje ni kwo kwashizeh’ itanguriro ry’isi, n’ukuboko kwanje kw’i buryo ni kwo kwabamvye ijuru: iyo mbihamagaye bivira hasi rimwe.


ukibagira Uhoraho Umuremyi wawe, ari we yagaranzuye amajuru, agashirah’ amatanguriro y’isi; maz’ ukīriza umusi utinya uburake bg’ūhahaza, iyo yiteguye guhonnya: non’ uburake bg’ūhahaza buri hehe?


Kuko ntotongana ibihe vyose, kandi sinokwama ndatse: kukw imitima n’ubugingo naremye vyodendebukirirwa imbere yanje.


Rurema ni yo yaremesheje isi ubushobozi bgayo, ikayihamangirisha ubgenge bgayo, ikagaranzuza ijuru ukumenya kwayo;


None rero ntutinye, ewe Yakobo musavyi wanje, ni k’Uhoraho agize; nturanduke umutima, ewe Isirayeli: kuko rāba nzogukiza ngukūre kure, uruvyaro rwawe ndarukūre mu gihugu rwajanywemwo ar’ inyagano; Yakobo azogaruka, kand’ azoba amahoro ata nkomanzi, kandi nta wuzomutera ubgoba.


Yamar’ abo bose bakurya na bo bazoribga; abarwanizi bawe bose, umuntu wese muri bo, bazojanwa ar’ inyagano; abākugize umunyagwa na bo bazonyagwa, abākunyaga bose nzobagira inyagano.


Nuk’ umwami Zedekiya arahirira Yeremiya mu mpisho, ati Nk’uk’ Uhoraho ahoraho, ari we yandemeye uyu mutima, sinkwica, kandi singutanga mu maboko y’abo bantu barondera kukwica.


Arik’ Umucunguzi wabo arakomeye: Uhoraho Nyen’ ingabo ni ryo zina ryiwe; azobītsa mu manza zabo, kugira ngw ahe isi kuruhuka, arikw atere ababa i Babuloni imitima ihagaze.


Rurema ni yo yaremesheje isi ubushobozi bgayo, ikayihamangirisha ubgenge bgayo, ikagaranzuza ijuru ukumenya kwayo:


Ba kamenyi bawe bākurotoreye ivy’ ubusa n’ivy’ ubupfu; Kandi ntibāguseruriye ibigabitanyo vyawe, ngo ntuje mu kinyago: Ariko bākurotoreye imbūri z’ubusa, n’ibikuzanira gucibga.


Eh’ abantu bose n’ abanje; nk’uk’ umwana ar’ uwanje, ni ko na se ar’ uwanje: umuntu akora icaha ni we azopfa.


Egiputa hazocika amatongo, na Edomu hazohinduka ubugaragwa bg’uruharabuga, bazize inabi bagiriye Abayuda, kuko mu bihugu vyabo bahavishirije amaraso y’abatācumuye.


Kandi nzohōra amaraso yabo ntaribgahōre: kuko jewe Uhoraho mpangamye i Siyoni.


Imbūri y’ijambo ry’Uhoraho yo ku gihugu c’i Haduraki, izoshinga ibande i Damasiko: kukw abantu bose, n’imiryango yose y’Abisirayeli, bahanze amaso Uhoraho;


Imbūri y’ijambo ry’Uhoraho yo ku Bisirayeli, yatumwe Malaki.


Baca barapfukama barūnama, bati Mana, yewe Mana y’impwemu z’abari n’umubiri bose, umuntu umwe akoze icaha, mbega woca urakira ishengero ryose?


Kandi twari dufise ba data b’imibiri, bāradukāngīra, natwe tukabubaha: none ntituzorushiriza cane kugororokera Se w’impwemu tugahoraho?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ