9 Maze ndavuga, nti Namwe sinkibaragira; ūpfa n’apfe, ūranduka n’arunduke, amasigarira n’aryane.
Nzotuma barya abahungu babo n’abakobga babo, umuntu wese aryekw inyama mugenzi we, kubgo kwugarizwa no gusugerezwa, basugerejwe n’abansi babo n’ababahīga ngo babice.
Kand’ aba bantu canke kamenyi cank’ umuherezi, ni hagira ūkubaza, at’ Imbūri y’Uhoraho ivuga iki? uz’ umwishure, ut’ Ugize ngw imbūri n’iki? N’ukw agira ngw abate, ni k’Uhoraho agize.
nuko rero nzobībagira rwose, nzobashiburana n’igisagara nabahānye na ba sogokuruza, ngo mumve imbere;
Kand’ azoza atere igihugu ca Egiputa; abagerewe kwicwa bazoja kwicwa, abagerewe umugozi bazoja mu mugozi, abagerewe inkota bazoja ku nkota.
Ni co gituma ba se b’abana bazobarīra hagati muri wewe, n’ abana bazorya ba se; kandi nzocira amateka muri wewe, n’amasigarira yawe yose nzoyashwiragiriza mu birēre vyose.
Abantu banje baranduwe no kutagira ubgenge: wewe ko wataye ubgenge, nuko nanje nzoguta, ntuzoba ukiba umuherezi wanje; ko wibagiye ivyagezwe vyanje, Imana yawe, nanje nzokwibagira abana bawe.
Mur’ ico gihugu cose, ni k’Uhoraho agize, ibice bibiri vyo muri co bizorandurwa bipfe, arikw ica gatatu kizosigazwaho.
Ni mubareke! N’impumyi zijana izindi. Arikw impumyi yojana iyindi mpumyi zompi zogwa mu cobo.
Abonye umusukoni ku nzira, arawēgēra, ntiyagira ico awubonako, atar’ amababi gusa, arawubarira, ati Ntugapfe wamye insukoni uhereye ubu ugashitsa ibihe bidashira. Uwo musukoni uca ukabirana uwo mwanya.
Ni co gitumye mbabgira yuk’ ubgami bg’Imana muzobgakwa, bugahabga ihanga ryama imbuto zabgo.
Yesu arababgira, ati Hasigaye igihe gito umuco ukiri muri mwebge: ni mugende mugifise umuco, umwiza woye kubīriranirako. Ūgenda mu mwiza ntamenya iy’ aja.
Nuko yongera kubabgira, ati Jewe ndi mu kuhava, namwe muzondondera, kandi muzopfira mu vyaha vyanyu: jewe iyo nja mwebge ntimuzoshobora gushikayo.
Ico ni co gitumye mbabgira ko muzopfira mu vyaha vyanyu; kuko ni mutizera ko ndi We, muzopfira mu vyaha vyanyu.
Ūgabitanya n’ashishikare agabitanye; uwanduye mu mutima n’ashishikare yandure; ūgororotse n’ashishikare agororoke; uwera n’ashishikare yezwe.