8 Mu kwezi kumwe ngeseza ba bungere batatu; kuk’ umutima wanje war’ ubarambiwe, kandi n’iyabo yari yanzinutswe.
Uwo na we aba umurwanizi w’Abisirayeli imisi yose Salomo yamaze ku ngoma, akora nabi nka Hadadi; yanka Abisirayeli urunuka, kand’ aganza i Siriya.
Bituma uburake bg’Uhoraho buziriringira abantu biwe, Yanka urunuka ishamvu yiwe.
Abībona ntibazohagarara mu nyonga zawe: Wanka inkozi z’ibibi zose.
Abefurayimu naho bāri bafise ibirwanishwa batwaye imiheto, Bākimiranye ku musi w’intambara;
Uku ni k’Uhoraho agize, Umucunguzi wa Isirayeli, Uwera wiwe, abgira umwe abantu bakēngēra, uwo ihanga ryanka urunuka, umushumba w’ abaganza, at’ Abami bazobirāba bahaguruke; bo n’abaganwa, bakome amashi; kubg’ Uhoraho umwizigirwa, ni we Wera wa Isirayeli yagutoranije.
Ishamvu yanje yampindukiye nk’intambge yo mu kibira: irantontomeye, ni co gitumye ndayanka.
Kubg’ izina ryawe ntutwanke urunuka; ntutītūze ingoma y’icubahiro cawe: n’utwibuke, ntiwice isezerano wasezeranye natwe.
Abantu bazobīta ifeza z’ibihonwa, kuk’ Uhoraho abashibuye.
kugira ngw ab’inzu ya Isirayeli mbafatane ibiri mu mitima yabo, kuko bose twahubanywe kubg’ ibigirwamana vyabo.
Ur’ umwana wa nyoko, yabihiwe n’ umugabo wiwe n’abana biwe; uvukana na bene nyoko, babihiwe n’abagabo babo n’abana babo: nyoko yar’ Umuhetikazi, so yar’ Umwamori.
Abantu banje baranduwe no kutagira ubgenge: wewe ko wataye ubgenge, nuko nanje nzoguta, ntuzoba ukiba umuherezi wanje; ko wibagiye ivyagezwe vyanje, Imana yawe, nanje nzokwibagira abana bawe.
Bāryarutse Uhoraho, kuko bāvyaye abana b’ibivyarwa; erega mu kwezi kumwe bazotikizanywa n’imirima yabo.
Ibigabitanyo vyabo vyose vyagaragariye i Gilugali; ni ho nabazinukiwe; kubg’ ibigabitanyo vy’ivyo bakoze nzobirukana mu nzu yanje; sinzoba nkibakunda ukundi: abaganwa babo bose n’ abagarariji.
Nzoshira ihema ryanje hagati muri mwebge, kandi sinzokwigera ndabazinukwa.
Kandi nzokomvomvora ibitabo vyanyu vyo ku mpinga z’imisozi, nsiture ibishushanyo vyanyu vy’izuba, nshiburire imivyimba yanyu ku mirambararo y’ibigirwamana vyanyu; kandi nzobazinukwa mu mutima wanje.
Ariko naho bizomera birtyo, sinzobaheba, igihe bazoba bari mu gihugu c’abansi babo, kandi sinzobazinukwa, ngo ndabahenebereze rwose, mve mw isezerano ryanje nabasezeraniye: kuko nd’ Uhoraho Imana yabo.
Ndi n’umubatizo, uwo nkwiye kubatizwa; emwe uko mbabazwa kugeza ah’ uzoherera!
Arikw abantu biwe bāramwanka, bamukurikiza intumwa, bat’ Uyo ntitugomba kw atuganza.
Isi ni yabanka, mumenye ko jewe yabanje kunyanka, itarabanka.
Ab’ isi ntibabanka, ariko jewe baranyanka, kuko mbavugira ibikorwa vyabo kw ari bibi.
Uhoraho yarabibonye, karaziriringa, Ashavurira abahungu biwe n’ abakobga biwe.
Ariko, umugororotsi wanje azobeshwaho n’ukwizera, Na ho ni yiyonjorora ntazohimbara umutima wanje.