7 Nuko nca ndagira umukuku w’imbāgwa, mbere zar’ intama z’imyaku. Maze nābīra inkoni zibiri, imwe ndayita Buntu, iyindi ndayita Yungiro; nuko ndagira umukuku.
Mbere naho noca mu mwonga w’igitūtu c’urupfu Sinzogira ikibi ntinya; kuk’ uri kumwe nanje: Inyobozo yawe n’ubuhiri bgawe ni vyo bimpumuriza.
Ico nsaba Uhoraho ni kimwe, ni co nzohora nitwaririka: N’ukuba mu ngoro y’Uhoraho imisi yose y’ubugingo bganje, Nkarāba ubgiza bg’Uhoraho, nkihweza urusengero rwiwe.
Igikundiro c’Uhoraho, Imana yacu, kibe kuri twebge: Kand’ udushimangirire ibikorwa vy’intoke zacu; Mbere, ibikorwa vy’intoke zacu ubishimangire.
arikw azocira aboro imanza zibereye, kand’ azoshinga urw’ abaciye bugufi bo mw isi mu kuri: azokubitisha isi inkoni ivuye mu kanwa kiwe, kand’ abanyakibi azobīcisha impwemu ziva mu minwa yiwe.
Azoragira umukuku wiwe nk’umwungere, azoterura imyagazi mu maboko, ayitware mu gikiriza, kand’ izonsa azoziyobora buhoro‐buhoro.
Mpwemu w’Umwami Uhoraho ari kuri jewe, kuk’ Uhoraho yandobanuje amavuta ngo mbgire abaciye bugufi ubutumwa bgiza; yantumye gutubika imitima imenetse, no kumenyesha abarindwa ko barekuwe, n’imbohe ko zugururiwe;
Ariko Nebuzaradani uwo mukuru w’abashibamyi, asiga mu gihugu c’i Buyuda abantu ba nyarucari batagira ico batunze, abaha imirima y’inzabibu n’amatongo ico gihe.
Kandi mu masho no mu mikuku, uko zigenda ziharūzwa inkoni, ikigiracumi co mur’ izo zose kize kibe icera canje, jewe Uhoraho.
Ragiza abantu bawe inyobozo yawe, ari bo mukuku wawe wīzīziye, bībēra ukwabo mu kibira co hagati kuri Karumeli: barishe i Bashani n’i Gileyadi, nko mu gihe ca kera.
Ariko nzogusigamw’ abaciye bugufi na ba nyarucari, abo ni bo bazokwizigira izina ryanje jewe Uhoraho.
Maz’ inkoni yanje ya kabiri yitwa Yungiro nca ndayivunamwo kubiri, kugira ngo nice umuvukano w’Abayuda n’ Abisirayeli.
Uku ni k’Uhoraho Imana yanje agize, ati Ragira umukuku w’imbāgwa:
Impumyi zirahumūka, abacumbagira bagenda neza, abanyamibembe barakizwa, ibipfamatwi birumva, abapfuye barazurwa, aboro barabgirwa ubutumwa bgiza.
Dawidi kw ari we amwita Umwami, non’ ivyo kuba umwana wiwe vyavuye hehe? Abenshi mw ishengero banezererwa kumwumva.
Kandi mfise n’izindi ntama zitar’ izo mur’ uru rugo, na zo nyene birankwiye kuzija imbere, zizokwumva ijwi ryanje, hazoba umukuku umwe n’umwungere umwe.
Ni mwumve, bene Data nkunda. Mbeg’ Imana ntiyatoranirije aboro b’ivy’ isi kuba abatunzi mu kwizera, no kuragwa ubgami yasezeraniye abayikunda?
Araheza ahitana inkoni yiwe, ashitse ku kagezi, atoramw’ amabuye y’imburungu atanu, ayarokeza mw isaho yiwe y’ubgungere; kandi yar’ afise umugozi mu ntoke wo guteresha ibuye; nukw aja guhūra na wa Mufilisitiya.
Wa Mufilisitiya abaza Dawidi, ati Mbeg’ ugira ngo nd’ imbga, k’uje kundwanya ufise inkoni? Araheza avuma Dawidi mu mazina y’imana ziwe.