Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 11:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Kuko ntazosubira guterwa akagongwe n’ababa mur’ iki gihugu, ni k’Uhoraho agize; ariko nzobagabura, umuntu wese ndamute mu kuboko kw’uwamuragira, no mu kuboko kw’umwami wiwe; abo bazorya igihugu, kandi sinzobarokora ngo mbakūre mu maboko yabo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 11:6
37 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

None rero yemwe abibagira Imana, ni mwiyumvire ibi, Noye kubashishimura, hakabura uwobakiza:


Amashami yaho ni yuma azohānyurwa; abagore bazoza bayacane; kukw iryo hanga ar’ iritagira ubgenge; ni co gituma Iyabaremye itazobagirira akagongwe, kand’ Iyababumvye itazobagirira akantu.


Abantu bazohahazanya, umuntu wese azohahazwa na mugenzi we, umuntu wese ahahazwe n’umubanyi wiwe: umusore azoshinyaguriza umutāma, n’inkēngērwa izoshinyaguriza umunyacubahiro.


Nzobasekanisha nk’impfizi z’intama, umwe n’uwundi, abana na ba se, ni jewe Uhoraho mbivuze: nta kagongwe nzogira, cank’ impuhwe, cank’ imbabazi, ngo bimbuze kubageseza.


Umusore n’umutāma barambaraye hasi mu nzira; Abigeme banje n’imisore yanje bahindikiranijwe n’ inkota; Wabatikije ku musi w’uburake bgawe; warabariritse ata kagongwe.


Abagurano ni bo basigaye batuganza: Nta wuriho wo kuturokora ngw atugobotore mu maboko yabo.


Ni co gituma nanje nzobakorera ivy’ uburake; ijisho ryanje ntirizogira ico riziguriza, kandi nta n’akagongwe nzogira: naho bazontakambira mu matwi, bashize amajwi hejuru, sinzobumviriza.


Ati Nanje rero, ijisho ryanje ntirizogira ico riziguriza, nta n’akagongwe nzogira, arikw ingeso zabo nzozibasubiza ku mutwe.


Nukw arongera asama inda, avyara umukobga. Uhoraho yongera kumubarira, at’ Izina ryiwe n’umwite Ntambabazi, kuko ntazosubira kugirira imbabazi inzu ya Isirayeli, ngo ndabaharire na gatoya.


Noneho ngira ngaragarize ibiteye isoni vyiwe imbere y’abūzure biwe, kandi nta n’umwe azomurokora ngw amunkūre mu maboko.


Kand’ amasigarira ya Yakobo azoba mu mahanga no mu moko menshi nk’intambge iri mu bikōko vyo mu kibira, canke nk’umugunza wayo uri mu mikuku y’intama: iyo uziciyemwo, urazinyukanyuka, ukazitabagura, ata wo kuzikiza.


Uzorya ntuhage, uhorane ikigoyi mu nda; ivyo uzonyuruza ntuzobikiza, kandi n’ivyo wokijije nzobigaburira inkota.


kandi nzokwubika ingoma z’abami, mpenebereze ububasha bg’ubgami bg’amahanga; nzokwubika imikogote y’intambara n’abayigenderamwo, kand’ amafarasi azogwaho, bo n’abayagenderako, umuntu wese agwe yishwe n’inkota ya mugenzi we.


Maz’ inkoni yanje ya kabiri yitwa Yungiro nca ndayivunamwo kubiri, kugira ngo nice umuvukano w’Abayuda n’ Abisirayeli.


abazihanjuye ni bo bazicumita, bakibgira ko badacumuye, n’abazishōye bakavuga, bat’ Uhoraho ashimwe, kuko mbaye umutunzi; kand’ abungere bazo na bo nta kagongwe zibatera.


Maze ndavuga, nti Namwe sinkibaragira; ūpfa n’apfe, ūranduka n’arunduke, amasigarira n’aryane.


Kur’ uwo musi Uhoraho azobaca umuhongo w’akaburarugero; maz’ umuntu wese asūmire ukuboko mugenzi we, abangure ukuboko arwane na mugenzi we.


Kukw iyo misi itarashika ata ngero zāboneka z’ibikorwa vy’umuntu canke z’ivy’ inka zirima, kandi nta mahoro k’ūwinjira n’ūsohoka kubg’ abarwanizi; kuko nateranije abantu bose, umuntu wese nkamuteranya na mugenzi we.


Uwo ni we gisāngānya azosāngānya imitima ya ba se n’iy’ abana; kugira ngo noye kuzoza ngatera isi umuvumo.


Umuntu azoshengerana uwo bavukana ngo bamwice, na se w’umwana azomushengerana, n’abana bazogābagābira abavyeyi babicishe.


Uwo mwami araraka, agomora ingabo ziwe, ahonnya abo bicanyi, ayigiza igisagara cabo.


Ni ho benshi bizobatsitaza, bazoryarukana, bazokwankana.


Na bo barasemerera, bati Mukūreho, mukūreho, umubambe. Pilato arababaza, ati Mbambe umwami wanyu? Abaherezi bakuru bati Nta mwami dufise, atari Kayisari.


batubuza kubarira abanyamahanga ngo bakire; na ntaryo buzuza ingero y’ivyaha vyabo. Arik’ uburake bububiriye kubamara rwose.


tweho tuzokwikiza dute, ni twanjanjwa ku gakiza kangana gartyo? Kabanje kuvugwa n’Umwami wacu, kagakomezwa kuri twebge n’abakumvise,


Kuk’ urubanza rutagirira akagongwe ūtāgize akagongwe. Ariko mu rubanza ikigongwe kiratsinda.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ