5 abazihanjuye ni bo bazicumita, bakibgira ko badacumuye, n’abazishōye bakavuga, bat’ Uhoraho ashimwe, kuko mbaye umutunzi; kand’ abungere bazo na bo nta kagongwe zibatera.
Abābabonye bose bāgiye babatsontsomera; abarwanizi babo bāvuze, bati Nta caha dukoze, kuko bācumuye k’Uhoraho, ari we i wabo w’ubugororotsi, k’Uhoraho, ari we vyizigiro vya ba sekuruza.
Intama zanje zayerereye ku misozi yose, no ku gasozi kose karekare; mber’ intama zanje zāsābagiriye mw isi yose; kandi nta warushe azirondera canke ngw azibariritse.
Ariko ni jewe Uhoraho Imana yawe, uhereye igihe waviriye mu gihugu ca Egiputa; nzokwongera gutuma usubira kuba mu mahema, nk’uko vyari bimeze mu misi mikuru yashinzwe.