Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 11:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 abazihanjuye ni bo bazicumita, bakibgira ko badacumuye, n’abazishōye bakavuga, bat’ Uhoraho ashimwe, kuko mbaye umutunzi; kand’ abungere bazo na bo nta kagongwe zibatera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 11:5
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bukeye haza umugore kuri Elisa; umugabo wiwe yar’ uwo mu biga ivy’ ukuvugishwa; aramutakambira, at’ Umusavyi wawe, ari we mugabo wanje, yarapfuye; kand’ urazi ko yubaha Uhoraho. Non’ ūtwishuza araje, kand’ agomba gutwara abahungu banje bompi ngw abagire abagurano biwe.


Ndababgira, nti Twebge uko dushoboye twaracunguye Abayuda bagenzi bacu bāri baraguzwe n’abanyamahanga; ariko mweho bagenzi banyu murabagura, na bo bakīshora ngo tubagure! Baca barihorera babura iryo bavuga.


Isirayeli yar’ uwo nirobanuriye, jewe Uhoraho, yar’ umushuzo mu bikikimvye vyanje. Abazomurya bose bazobakw igicumuro; ivyago bizobazako, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Abābabonye bose bāgiye babatsontsomera; abarwanizi babo bāvuze, bati Nta caha dukoze, kuko bācumuye k’Uhoraho, ari we i wabo w’ubugororotsi, k’Uhoraho, ari we vyizigiro vya ba sekuruza.


Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Rāba abo bungere tuzohigūra twe na bo; kand’ intama zanje nzozibaronderako, ndababuze gusubira kuziragira; kand’ abo bungere ntibazoba baciragira ukundi; nzokiza intama zanje amenyo yabo, zoye kuba inyama zabo.


Ko muzisitisha imbavu n’ibitugu, izirwaye zose mukazisunikisha amahembe yanyu, gushitsa muzisanzarije kure;


Intama zanje zayerereye ku misozi yose, no ku gasozi kose karekare; mber’ intama zanje zāsābagiriye mw isi yose; kandi nta warushe azirondera canke ngw azibariritse.


Efurayimu aravuga, ati N’ukuri nd’umukire, nironkeye ubutunzi: mu bucurumbe bganje bgose ntibazombonakw ikibi na kimwe cokwitwa icaha.


Ariko ni jewe Uhoraho Imana yawe, uhereye igihe waviriye mu gihugu ca Egiputa; nzokwongera gutuma usubira kuba mu mahema, nk’uko vyari bimeze mu misi mikuru yashinzwe.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’Abisirayeli, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bāguze umugororotsi amahera, n’umukene bakamugura inkweto.


Muzobona ibara, mwebge abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, kuko mwugarirana ubgami bgo mw ijuru imbere y’abantu: kandi ntimubginjiramw’ ubganyu, n’abagomba kubginjiramwo ntimubakundira. [


N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ūdaca mw irembo ry’urugo rw’intama, arikw akūririra ahandi, uwo aba ar’ igisuma n’umwambuzi.


Bazobaca mu masinagogi, kand’ igihe kigiye kuza, ūzobīca wese azogira ngw agiriye Imana ikimazi.


Kand’ ukwifuza inyungu kwabo kuzobatera kwunguka kuri mwebge, bababgiye amagambo y’amaremano: gucirwakw iteka kwabo uhereye kera ntiguteba, no guhona kwabo ntiguhunyiza.


n’ibisosa vyitwa mudarasini, n’imbazi, n’imibavu, n’amavuta amota neza, n’isenga, na vino, n’amavuta ya elayo, n’ifu isetse neza, n’ingano, n’inka, n’intama, n’amafarasi, n’imikogote, n’imibiri y’abantu n’ubugingo bgabo.


Kuk’ uvuga, uti Nd’ umukire ndatunze kandi nta co nkennye; ntumenye yukw ari wewe mutindi, wafutanye, ur’ umworo, ur’ impumyi, ugenda amēnya;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ