Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 11:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Vuza induru, wa giti c’umuberoshi, kukw isederi ihenutse, kand’ ibiti vyiza‐vyiza bikaba vyononekaye. Ni muvuze induru, mwa biti vy’ imyeloni vy’i Bashani, kukw ikibira kitāmenwa gihindikiranye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 11:2
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

riti Mwana w’umuntu, tungīra ijisho ryawe i bumanuko, utumey’ ijambo ryawe, ubūrire ikibira co mu kiyaya c’i bumanuko,


Mu biti vy’imyeloni vy’i Bashani ni vyo bākubāziyemw’ ingafe; intebe zawe bāzibāje mu mbaho z’imiteyashuri zākūwe mu bizinga vyo mu kiyaga vyitwa i Kitimu, bazishazishije kuzidombagizak’ utubaru tw’amahembe y’inzovu.


Na vyo bimanukana na co i kuzimu, bihamvya abāriritswe n’inkota; mbere ni bo bari bakibereye ububasha, bakāma bibera mu gitūtu caco hagati mu mahanga.


Bazobona ibara, abīdibamiye i Siyoni, n’abībēra ku musozi Samariya ata co bīnona, ba rurangiranwa bo mw ihanga rirengeye ayandi, abo inzu ya Isirayeli yisunga!


Ugurura inzugi zawe, Lebanoni, umuriro uturire ibiti vyawe vy’amasederi.


Umve induru z’abungere, kukw icubahiro cabo catītūtse. Umve imigunza y’intambge yivuga, kuk’ ukuberwa kwa Yorodani kwononekaye.


Ko bagirira bartyo igiti kibisi, non’ icumye kizogirirwa gite?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ