Uti None rer’ umubaririre abamwicirira ibiti vy’ amasederi i Lebanoni, uti Kand’ abantu biwe bazofatanya n’abawe; uti Kand’ azoguha ingero z’abakozi bawe uk’ uzozicīra kwose; uti Kuk’ uzi yukw ata n’umwe mu b’i wabo azi kwicira ibiti nk’Abasidoni.
Ni ho ivyavuzwe na Yeremiya yavugishwa n’Imana vyashikiye, ngo Bābiriye za ntete z’ifeza mirongwitatu, ni zo giciro yaciriwe, uwo bamwe mu Bisirayeli baciriye,