Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 11:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Ndababarira, nti Namba mubona kw ari vyiza, ni mumpe ingero yanje; bitabaye vyiza, musigeho. Nuko bangerera intete mirongwitatu z’ifeza kw ingero.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 11:12
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Aburahamu yumvise ivya Efuroni, amugerera ku munzane za feza yaciriye, Abaheti bumva, shekeli amajana ane z’ifeza, kimwe n’izo abadandaza bācurūza.


Hahita Abamidiyani b’abadandaza; bakwega Yosefu, bamukūra muri rwa rwobo, bamugura na ba Bishimayeli amahera y’ifeza mirongwibiri. Bashōra Yosefu muri Egiputa.


Bukeye Ahabu abarira Naboti, ati Mpa urwo ruzabibu rwawe, kugira ngo ndahagire umurima w’imboga, kuko ruri hafi y’urugo rwanje, nanje ndaguha urundi ruruta urwo mu gishingo carwo; canke ni wagomba, ndaguha amahera aruciye.


Uti None rer’ umubaririre abamwicirira ibiti vy’ amasederi i Lebanoni, uti Kand’ abantu biwe bazofatanya n’abawe; uti Kand’ azoguha ingero z’abakozi bawe uk’ uzozicīra kwose; uti Kuk’ uzi yukw ata n’umwe mu b’i wabo azi kwicira ibiti nk’Abasidoni.


Nuk’ umwami n’iryo koraniro ryose barabishima;


Arikw inka ni yica umugurano cank’ umuguranokazi, nyene yo az’ arihe shebuja w’uno shekeli z’ifeza mirongwitatu, iyo nka na yo ize yicishwe amabuye.


Nuko ngura na Hanameli mwene wacu iyo shamvu iri Anatoti, ndamugerera ifeza ku munzane, ziba shekeli cumi n’indwi.


Ni yaba umukobga cank’ umugore, uzoba ukwiye kumucira shekeli mirongwitatu.


Kandi nzobēgēra nce amateka; nzokwihutira kwagiriza abarozi, n’abasambanyi, n’abarahira ibinyoma, n’ abagunga umucangero ingero yiwe, n’abanyikiza umupfakazi n’impfuvyi, bakagirira nabi inyambukīra, nanje ntibanyubahe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


arababaza, ati Mwompēra iki, nkazomubaronkera? Bamugerera intete z’ifeza mirongwitatu.


bazigura ubgatsi n’umubumvyi, nk’uk’ Uhoraho yambariye.


Ni ho ivyavuzwe na Yeremiya yavugishwa n’Imana vyashikiye, ngo Bābiriye za ntete z’ifeza mirongwitatu, ni zo giciro yaciriwe, uwo bamwe mu Bisirayeli baciriye,


Bakiriko bararya ku mugoroba, wa Murwanizi amaze kwinjiza ubuguranyi mu mutima wa Yuda Isikaryota, mwene Simoni,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ