1 Ugurura inzugi zawe, Lebanoni, umuriro uturire ibiti vyawe vy’amasederi.
Ewe uba kuri Lebanoni, ukārika icāri cawe mu masederi, es’ ukuntu uzoba uteye akagongwe igihe ibise bizoba bigufashe, nk’umubabaro w’umugore aramutswe!
Ehe rāba, Umwashuri yari nk’igiti c’isederi c’i Lebanoni c’amashami meza, c’igitūtu kinini, kandi c’ inganzamarumpu, ubushorishori bgaco bgashika mu bicu.
Kuk’ umuryano wabaye i Lebanoni uzokwubikizako, n’ukugesera kw’ibikōko kuzogutera ubgoba, uhōwe amaraso y’ abantu, n’umuryano igihugu cabonye, bo n’ibisagara n’ababibamwo bose.
Ko mwanyaze amahanga menshi, namwe amasigarira yose y’amoko azobanyaga, abahōye amaraso y’ abantu, n’umuryano igihugu cabonye, bo n’ibisagara n’ababibamwo bose.
Enda ni mudūge mu mugamba muzane ibiti, mwubake iyo ngoro; nanje nzoyinezererwa, bimpeshe icubahiro, ni k’Uhoraho agize.
Nzokwongera mbatārūre no mu gihugu ca Egiputa, mbakoranye mbakūre muri Ashuri: maze mbashitse mu gihugu c’i Gileyadi n’i Lebanoni: mbere ntibazohakwirwa.
Vuza induru, wa giti c’umuberoshi, kukw isederi ihenutse, kand’ ibiti vyiza‐vyiza bikaba vyononekaye. Ni muvuze induru, mwa biti vy’ imyeloni vy’i Bashani, kukw ikibira kitāmenwa gihindikiranye.
Kur’ uwo musi abatware b’Abayuda nzobahindura nk’urujo rurik’ umuriro rushirwa mu nkwi, canke nk’urumuri rwaka rushizwe mu mikama y’ingano; bazotōngōra amahanga yose abakikije i buryo n’i bumoso; kandi Yerusalemu hazokwongera kwubakwa aho hāhoze, ni ho i Yerusalemu nyene.
Kuk’ umuriro w’uburake bganje udometswe, Wātse, ugashika hasi i kuzimu, Ugatōngōra isi n’ivyeze kuri yo, Ukadomeka amatanguriro y’ imisozi.