Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 10:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Nzobabiba mu mahanga, kandi bazonyibuka bari mu bihugu vya kure; bazorera abana babo, kandi bazogaruka.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 10:9
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ut’ Ariko ni mwampindukirira, mukitondera ivyagezwe vyanje mukabishitsa, nah’ abirukanywe bo muri mwebge bazoba bar’ iy’ ijuru riherera, uti Sinobura kubakūrayo nkabēgeranya, nkabazana ha hantu nitoranirije ngw izina ryanje rihabe.


Maze mu gihugu cose no mu gisagara cose, ah’ icagezwe c’umwami n’ivyo yashinze vyashika, Abayuda baranezerwa, bagahimbarwa, bagatumirana, bakagira umusi mukuru. Maz’ abantu benshi bo mu mahanga yo mur’ ico gihugu batora idini y’Abayuda, kukw Abayuda bāri babateye ubgoba.


Wibuke ivyo, yewe Yakobo, yewe Isirayeli, kuk’ ur’ umusavyi wanje. Ni jewe nakubumvye, ur’ umusavyi wanje: yewe Isirayeli sinzokwibagira.


Kuk’ uhereye kera hose ata ho abantu bīgeze kwumva, canke ngo bibagwe mu matwi, canke ngo baboneshe amaso iyindi mana igira ico imarira abayīteze atari wewe.


Ntibazoruhira ubusa, kandi ntibazovyara abo kugesezwa, kuko bazoba ar’ uruvyaro jewe Uhoraho nahezagiye, bo n’abazobakomokako.


Nzokwironkera uruvyaro muri Yakobo, n’ūzoragwa imisozi yanje muri Yuda; abo nitoranirije bazoharagwa, n’abasavyi banje bazohaba.


Eh’ imisi izoza, ni jewe Uhoraho mbivuze, nzobiba imbibe, ni yo nzu ya Isirayeli n’inzu ya Yuda, ndayibibemw’ imbuto, ari zo bantu n’ibitungwa.


Yemwe abakize inkota, mugende, ntimuhagarare; munyibuke, jewe Uhoraho, mukiri kure, i Yerusalemu hagaruke mu mitima yanyu.


Kand’ abazoba baracitse bo muri mwebge bazonyibuka bari mu mahanga, aho bazoba barajanywe ar’ inyagano, bamenye ingene nashābijwe n’imitima yabo yabaye ibimaka ikamvako, kandi ko nashābijwe n’amaso yabo y’ubumaka bagenda banyuririza ku bigirwamana vyabo: baheze biyanke urunuka kubg’ ibibi bakoze n’ ibizira vyabo vyose.


Ni jewe nzomwibibira mu gihugu; kandi Ntambabazi nzomugirira imbabazi, mbarire Sabantubanje, nti Mur’ abantu banje; na bo bazovuga, bat’ Ur’ Imana yacu.


Kuko rāba nzobishinga, ngosorere ab’ inzu ya Isirayeli mu moko yose, nk’ibigosozwa urutaro, ariko nta gatete na kamwe kazokorokera hasi.


Kand’ amasigarira ya Yakobo azoba mu moko menshi ababere nk’ikime kivuye k’Uhoraho, nk’urume rutonze ku bgatsi, bitororēra umuntu, canke ngo bitenyenyere abantu.


Bahēra kur’ uwo musi bahama cane ishengero ry’i Yerusalemu: bose basābagirira mu bihugu vy’i Yudaya n’i Samariya, ukūyemw’ intumwa gusa.


Arikw abāsābagiye bagendagenda bavuga ijambo ry’Imana.


Kuko, ko wahanyuwe ku giti cameze ar’ ikija ca elayo, ugaterwa nk’ingurukizi muri elayo nziza, mudasangiye ubgoko, ba bandi babusangiye ntibazorushiriza cane guterwa muri elayo yabo?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ