Nk’ukw ingabo zose z’inyenyeri zo kw ijuru zitoharūrika, n’umusenyi wo ku kiyaga utogereka, ni ko nzogwiza uruvyaro rwa Dawidi umusavyi wanje, n’urw’ Abalewi bankorera.
Kandi Mpwemu bo na wa mugeni barahamagara, bati Ngwino. Kand’ uwumva n’ahamagare, ati Ngwino. Kand’ ūfise inyota n’aze, ūgomba ni yākīre amazi y’ubugingo ku buntu.