Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 10:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Nzobahamagaza uruhwa mbakoranye, kuko nabacunguye; kandi bazogwira nk’uko bamye bagwira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 10:8
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kand’ Abayuda n’Abisirayeli bār’ isinzi, bangana n’umusenyi wo mw isēsero ry’ikiyaga; kandi bārarya, bāranywa, bakanezerwa.


Abisirayeli bararondoka, baravyara cane, baragwira, baba igisata; buzura ico gihugu.


Neyuye ibicumuro vyawe nk’igicu gitwaye intunda, n’ivyaha vyawe nk’igicu: garuka kuri jewe, kuko nagucunguye.


Ni muve i Babuloni, muhunge muve mu Bakaludaya, muvuge ibi, mubikwize, muvyamamaze gushitsa ku mpera y’isi, mubivugishe ijwi ry’indirimbo, mut’ Uhoraho acunguye umusavyi wiwe Yakobo.


Kand’ azomanikira amahanga ya kure ibendera, abahamagaze uruhwa ngo bave ku mpera y’isi; na bo bazoza n’ingoga bihuta.


Nukw abācunguwe n’Uhoraho bazogaruka, bashike i Siyoni baririmba; umunezero utazoshira uzohora ku mitwe yabo; bazoronka umunezero n’uguhimbarwa, kand’ umubabaro no gusuhuza umutima bizohunga vyambuke.


Kur’ uwo musi Uhoraho azohamagaza uruhwa isāzi ziri ku mpera z’inzūzi zo muri Egiputa, n’inzuki zo mu gihugu c’i Ashuri.


Bizoza, vyose bizokwarara mu biyaya bisigaye ar’ imisaka, no mu masenga yo mu bitandara, no ku mahwa yose, no ku bgatsi hose.


Nk’ukw ingabo zose z’inyenyeri zo kw ijuru zitoharūrika, n’umusenyi wo ku kiyaga utogereka, ni ko nzogwiza uruvyaro rwa Dawidi umusavyi wanje, n’urw’ Abalewi bankorera.


Yamar’ amaherezo, igitigiri c’Abisirayeli kizongana nk’umusenyi wo ku kiyaga, udashobora kugerwa ku ngero canke guharūrika. Kand’ ahantu bābgiriwe, ngo Ntimur’ abantu banje, ni ho nyene bazobgirirwa, ngo Mur’ abana b’Imana nzima.


Ewe Yakobo! Sinzobura gukoraniriza abawe bose hamwe, kandi sinzobura kwegeranya amasigarira y’Abisirayeli; nzobakumakumira hamwe nk’intama z’i Bosira; bazohūrīra nk’umukuku uri mwinshi mu canya cawo.


Kandi nawe, kubg’ amaraso yashinze isezerano rya twe nawe, nanje nkubohoreye imbohe, ndazikūra mu rwobo rutagira amazi.


Ni muze kuri jewe mwese abananiwe n’abaremerewe, ndabaruhura;


Kandi Mpwemu bo na wa mugeni barahamagara, bati Ngwino. Kand’ uwumva n’ahamagare, ati Ngwino. Kand’ ūfise inyota n’aze, ūgomba ni yākīre amazi y’ubugingo ku buntu.


Hanyuma y’ivyo mbona ishengero ryinshi, ata woshobora kuriharūra, bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose, bahagaze imbere y’iyo ntebe n’imbere y’Umwagazi w’Intama, bambaye imvune zera, bari n’amashami y’ibigazi mu minwe:


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ