Nta co utinya, kuk’ utazotētērwa; ntumāramāre, kukw isoni zitazokwica; kuk’ uzokwibagira isoni wagize mu buto bgawe, n’umugayo wo mu bupfakazi bgawe ntuzowibuka ukundi.
Mur’ iyo misi ab’ inzu ya Yuda bazogendana n’ab’ inzu ya Isirayeli, bazanane bava mu gihugu c’i burārūko, baza mu gihugu nahaye ba sogokuruza banyu k’umwandu.
Uku ni ko ndabivuze, jewe Uhoraho, nti Rāba nzotuma abo mu mahema ya Yakobo bahindukira, bave mu ngoyi zabo, ngirire ikigongwe amazu yabo; kand’ igisagara kizokwubakwa mu bitongozi vyaho, n’ ingoro isubire kumera nk’uko yahora.
Ni nde azi ubgenge? N’atahure ivyo! Ni nde w’umuhanga? N’abimenye! Kukw inzira z’ Uhoraho ar’ iziroranye, kand’ abagororotsi ni bo bazozigendamwo; arikw abacumura bazozigwamwo.
Ni jewe nzomwibibira mu gihugu; kandi Ntambabazi nzomugirira imbabazi, mbarire Sabantubanje, nti Mur’ abantu banje; na bo bazovuga, bat’ Ur’ Imana yacu.
Kand’ ab’ inzu ya Yakobo bazoba umuriro, n’ab’ inzu ya Yosefu babe imbeya zawo, n’ab’ inzu ya Esau babe nk’ibishingwe, babaturire, babatongōre; nta wuzosigara mu b’ inzu ya Esau; kuk’ Uhoraho ari we abivuze.
Kand’ amasigarira ya Yakobo azoba mu mahanga no mu moko menshi nk’intambge iri mu bikōko vyo mu kibira, canke nk’umugunza wayo uri mu mikuku y’intama: iyo uziciyemwo, urazinyukanyuka, ukazitabagura, ata wo kuzikiza.
Ni co gituma Uhoraho avuga, ati Ngarukiye Yerusalemu nzanye imbabazi; ingoro yanje izohubakwa, ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize: i Yerusalemu hazogereshwa umugozi.
Kand’ ico gice ca gatatu nzobacisha mu muriro wo mu ruganda, mbakūremw’ inkamba nk’uko bazikūra mw ifeza, mbageragereshe kubavugutira, nk’uko bagerageza izahabu: bazokwambaza izina ryanje, nanje nzobumva; nzovuga, nt’ Abo n’abantu banje, na bo bazovuga, bat’ Uhoraho ni we Mana yanje.
Maz’ uwo musi Uhoraho Imana yabo azobakiza nk’umukuku, ni wo bantu biwe; kuko bazoba nk’utubuyenge two ku gitsibo, dukayanganira hejuru y’igihugu ciwe.